IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Willy Nyamitwe:"Abafasha Uburundi bakwiye gutahura ko Uburundi buri mu (...)

Willy Nyamitwe:"Abafasha Uburundi bakwiye gutahura ko Uburundi buri mu nzira nziza"

lundi 31 Myandagaro 2015

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko abafashanya n’Uburundi bari bakwiye gushigikira Uburundi,kandi bagatahura ko Uburundi buri mu nzira nziza.

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe,avuga ko imbere y’uko amatora aba abafasha Uburundi bari bafise amakenga ku mutekano w’igihugu.

Willy Nyamitwe amenyesha ko abafasha Uburundi bari bazi ko abarundi bazocanamwo,abandi bakibaza ko hazoba ihonyabwoko,ariko muri ivyo vyose ntanakimwe kiraba.

Ivyo,umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yabivuze,inyuma yaho Karori Nditije icegera c’umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, amenyeshereje kw’iradiyo y’abafaransa RFI ko atemera inzego zavuye mu matora.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NONE UFISE UBWOBA BWIKI.UBURUNDI NTIBWIKUKIYE.KWARIGO RURIRIMBO RWAWE.

  • Ntakundi ari buvuge,Willy na sobuja ntaneza y,igihugu mufise,mumaze imyaka 10 mutwara ariko umurundi ntabubasha afise bwokugura paracetamol ya 200f,naho bobafasha mushaka ayo kuja kugura izindi crimogen gaz!nino myaka itanu nta terambere muzozana kuko ntacombona mwahinduye muri reta yanyu.sha ndabagaya ku migambi ya CNDD_FDD mwahemutseko.ok tuzoraba

  • WILY NYAMITWE URONSE UTWURYA NIWIRIRE UREKE KUVUGA NGO MUBURUNDI NGONIHEZA URAZI AMARASO YABARUNDI AGUMA ASESEKA NAWE UHIMVYE WIVUGIRA IVYO USHAKA NDAGUTSIRE UMUGANI BAVUGA BAT INDA WOYIBAZA UWAYIRAYEKO WEWE URGHIRIWE VUGA YAMUHE

  • NIVYO UBURUNDI NIBUFASWE MUGIHE ATOTANGA AMAHERA YIMFASHANYO ABANTU BATOBATO NIBO BAHARWA

  • emma

    nyakubahwa nyamitwe reka kwihogoza uburundi buri mumaboko yi mana abazobufasha bazokwizana ivyiza biriwacu, kandi imana niyo nkuru iyaremye uburundi irabubona. Ntubona ko incuti zikunda uburundi zatanguye kuza.

  • Jebarika amanwa,ko mubandanya mupfakamanga? mwavuz ko u BURUNDI bwikukiye nimwebeko rero,nabado mtakoma.

  • ASHA NDATANGAYE !MBE KO PETER YANSE KUMVIRA IMPANURO Z’AMAKUNGU UBU ICO KIGUGU NGO NI NYAMITWE GIHAYE KIDEDEMBA IBIKH? MIMUBANDANYE MWIFASHA NKUKO MWATUNGANYIJE AMATORA MWENYENE ADAHURIKIYEMWO IMIGAMBWE YOSE! NDASHIMIYE BIMWE VYUMWIHARIKO AMAKUNGU KUNGINGO YAFASHE YUGUFAPIRA IBIHANO AKO KARWI KA PETER KABICANYI N’ABASUMA BAMAZE UBUTUNZI BW’IGIHUGU PETER ABANYAGIHUGU BUCA BAMWIYICIRA KUKO NIWE AGOMBA KUBICISHA UBUKENE HAMA WILLY NAGENDE MWABO BA CHINOIS N’ABA RUSSIYA YARIKO YISHIMIRIZA NAGENDE BAMUHE IZO NFASHANYO HAMA NGO MWARIKUKIYE KANDI ATANA RESSOURCE NIMWE MUFISE A PART YAKAGA KAWA NAKO KADASHEMEYE! MBE NTIMWAKOZE AMATORA Y’UBUSUMA MWIHAYA NGO MWARIKUKIYE? BANDANYE RERO MUSHISHIKARA MWIYO NZIRA YANYU YUKUBAHO MUBWIGENGE HAHAHA EGA WESHA KAGABO WILLY BURYA NGO UWUTIGABA NGO NTIYIGABURIRA MBERE AMAHERA MWARIKURONSWA UE ,YAYAGABURIYEMWO ZAMPUNZI ZAHUNZE IYO NTWAROMBI YA NKURUMBI HAMA NIMURORERE GATOYI BUCA MUBURA NAYO MUHEMBA ZAMBONERAKURE YIWANYU HAMA ZICE ZIBIYICIRA BURYA MWARIKWEGEYE IKARA MUMPUZU SHA!

  • Non Ufis Ubwoba Bwiki? Twbw Twarikukiy Turishoboy Wew Gusa Witekererez Imitw Wakiny Niyo Kandi Turagushigikiy Ryumeko.

  • Uwibaza Ngwamakung Ahagarits Imfashanyo Ngonivyiza.Arihnda.Izonyanka Burundi Ziguma Zisabir Ibihano Igihgu,zirakwiy Kugzaho.Ndaguy Ndagaruts,erga Bobo Cararangiy.Imyaka 40 biba uburundi.Naho Botoba Ntaco Bobo Bobaho.Nditij Agma Abesha.Turaziko Yironderera Vyabibanza Vyagusa.Erga Ntabindashoboy.Ntimumuzi?

  • sha mitwe inziranziza niyihe mutuvikanye nabobanye politike bahuzigihugu mufamanda yanyu adahaga sha mitwi wewe mukubesha kwawe kuzogushikana mu muriro

  • Komere mt. Williy we we urumushingantahe koko mukuvuga harya umunwa babwire bavyumye. Izonyanka Burundi nazo zizo maramara izizoshaka zizokwishikana. Ubwo nawe Nditije newe anti imanda zibiganiro kopo twarazisezereye jurya twa ssezera UPRONA ( Imporona) ntakibanza bakifise muri vote

  • Nibyiza gutuganya igihugu

  • Nyamitwe ga mana yanje akwiye guharirwa n’Imana kuko ntazi icarico yokabaye aziko ari umuntu nkatwe ntabavuga ivyoyishakiye!!

  • nyakubawa peter jewe ndagukunda naho wotwala ntangolane arico icoba ciza nuko wegerageza uko ushoboye kugira abarundi basubize hamwe nkuko vyahora Jew noshima hamwe hamara imisi itari mike atankoho isubiye kumvikana hirya no hino niho igihugu kizoba kiri my mutekano ntangere murakoze imana ibahezagire

  • Mwatanguye kugira ubwoba.muriko murasaba ikigogwe.rindira akataraza karahinda.

  • Nditije Karori Mawazo Yasiasa Aliyonayo Yamepitwa Na Wakati,maana Nia Yake Utawala Urudi Bururi,jambo Jingine Bado Anania Ya Watu Walio Toka Vyanda Matana,songa,na Sehemu,nyingine Za Nchi,waendelee Kudhibiti,nyumba,mashamba,na Mali Nyingine Zilizoachwa Na Warundi Walio Kimbia 72,kinyume Namkataba Wa Arusha,mali Hizo Zipo Rumonge,bujumbura,nyanza Lac,makamba,na Ndiyo Maana Yeye Na Watus Wenzao,wanang’ang’ania Utawala Wa Mapinduz,afahamu Hatupo Tayari Kutawaliwa Nawanyanganyi,kama Vital,rumonge,pasifike,busokoza,nyangoma,pamoja Na Buyoya,ambaye Kakaa Kivya Kama Hakijulikani,anafanya Nini?,elewa Yapo Wazi,

  • Urasubiye kwihindukiza! Wavuze ko uburundi bwikwiye none amakungu muyaronderako iki? Banza muwunywe!Muza mutanguye gutaka uyumwanya? Natwe batobato turahoze,manyina niko harya uwariye,hasonza uwahora arya,twebwe inda n,umugongo vyamaze gufatana,atanuwo tuganyira ! bayina vuga mwebwe bubezwe!Ba murata ubwoko murabe ariko abazungu s,ibijuju!

  • ikibazo sumutekano ni peter yihay mandat nyamitwe naw numusazi gusa.mbeyibaza kwamakungu yoyifatira mukwaha?

  • ariko noneho Abarundi Imana niduharire. ariko ibintu biriho bitanyegejwe Numwana abona tukubahuka tukavuga ngo amahoro niyose, Abantu bicwa kumusi kumusi. nabandi bafungwa imisi yose abantu basigaye bahigwa nki mpongo. Mugabo bayina ibikoko vyovyo hari itegeko ryo kubikingira. Erega amahoro ahari vyoboneka na makungu akabimenya ahari amahoro ntihayoberana haruwonyegeza izuba rirashe bigakunda?

  • Ngaho akakanya mutangiye gutacyira abazungu. Nukuntu mwali mwiyemeye. Mwashaste kwigana abanyarwanda . Abazungu bigaruye ku rwana ntawubahamagaye. None mwebwe nta nukwezi mutagiye kuboroga murasebye. Kandi nkurunziza azahura na Bushoro.

  • Oya bagumyabondo mwavuze ko akimuhana kaza imvura ihise.

  • Mwesemwese murijonuravugango nyakwubahwa Nyamitwe ngoyaburaniwe ntimuzi icotwita kubananabandi icobisigura? Mbega ntimuziko numwani yatiye icotero? Umva mugihe ibihugu canke amakungu bikoneje kwiyegereza uburundi kugira bibandanye gukoranana nogufashanya muribinabiriya mwashaka Nyanitwe areke kubaganiriza kandinabo barikobaramuganiriza? Mugiye gutangara nihomuzomenyera akamaro kokwikukira kwigihugu ahokari.

  • Kubantumwibazako inkohokuvuga nokwica abantu kobisigurako arukubera reta idashoboye murihendacane, muri Amerika namaze imyaka nyishi bagendagufasha mubihugu bitandukanye kw’Isi kugarukanamahoro ntamusiwijana imbunda zitavuze kandizikiha inkumbi, uwihendarero ngwakomeze kwicabarundi ngor reta ngwozotagaciro azobikora imyakamajana namajana reta zigumazikurakuranywa abona ataco arashikako.

  • Ico kigugu ciyita mpaka amasezerano...
    Naho nagendeye ibijuju kw’isi ntawe mungana.Uraja ngaho ukarata kwica,ukarata urupfu,mbe izo mbonerakure nkuko uzivuga ,hagaze aho zirondera ivyo zirya zizoja mu bahutu gusa?No mu batutsi zizojayo nimwe mufise vyinshi vyo kubiciramwo,40 pourcent muri 15 gusa,àmoins que ubagiriye imigambi bakava mu burundi bose bakaja iyo birigwa baja kwangara.Aho wamokeye nturuha,nivyo vy’ivyo nyene izo nyenzi zita mu vyacu.

  • Mbe ga nyamitwe ko umengo muriko muraducanganya nibuka muminsi iheze mwaratubwiye ko abarundi twikwije none ayomakungu musubiye gutaka ubona mutari mungorane ga nyamitwe nureke kutubesha nimwemere ibiganiro kuko ndabona mugeze aho umwansi ashaka nukuri kumbura mwihanure kuko ndabona igihugu kigeze habi

  • Mbe ga nyamitwe ko umengo muriko muraducanganya nibuka muminsi iheze mwaratubwiye ko abarundi twikwije none ayomakungu musubiye gutaka ubona mutari mungorane ga nyamitwe nureke kutubesha nimwemere ibiganiro kuko ndabona mugeze aho umwansi ashaka nukuri kumbura mwihanure kuko ndabona igihugu kigeze habi

  • Mbe ga nyamitwe ko umengo muriko muraducanganya nibuka muminsi iheze mwaratubwiye ko abarundi twikwije none ayomakungu musubiye gutaka ubona mutari mungorane ga nyamitwe nureke kutubesha nimwemere ibiganiro kuko ndabona mugeze aho umwansi ashaka nukuri kumbura mwihanure kuko ndabona igihugu kigeze habi

  • Niba shake bagumye impfashanyo zabo,Tilikiya Hamwe Nubu chin buzo dufasha,Umubabaro muke nkuwubuze umugabo wanyina.

  • nditije nzomusengera yoroherwe arafise akabazo muri r t t

  • aka nakumiro ejobundi muvuga ngo nibajyane amahera yabo none akakanya inzara irabishe. hahahahaha ndabaseste.

  • liberte d’expression et d’opinion ’’oui’’ muga ndabona hari publication zama misi yose zishiramwo amajambo akabura urwanko rufatiye ku moko.
    Mwoza muraraba rero commentaires zimwe zimwe.
    Hari abantu umwanya wose ari tutsi tutsi inyenzi kagame genocide ...birababaje.abandi nabo ngo hutu nta bwenge abicanyi.....birateye isoni.Abandi bakifatira mugahanga imboneza muri politique canke abategetsi...bakabatuka bagakovya.Birerekanako tugifise inzira ndende.
    En gros il faut une censure serieuse

  • NYAMITWE NYAGUHWERA!!! URAKENYEYE MUZOKWEMERE ARUKO MWIBONEYEKO?? UGIRA WICISHE ABARUNDI INZARA NYAKUGOGWA!!

  • @liLi. Niko wakaraya we wisuka mubibazo by’uburundi ushaka iki? Nkurunziza azategeka nushaka wiyahure!! Naho so wanyu Kagame yishe benshi afatanyije na Papa wawe. Ntanama waha abarundi kuko uri umwicanyi nka so wawe. Naho ibitekerezo byawe birutwa n’ibyuruhinja wa mupfayongo we w’umupfapfa.

  • Mbega ushaka ko haba irindi honyabantu rimeze gute ga NYAMITWE? Iyo abantu bagiye torwa ibiziga hirya no hino, abandi bagafatwa n’abapolice hanyuma bagatorwa bapfuye ushaka gusubiranamwo birushangaho? Ahubwo i gihugu iyaba cari gifise abarongozi ga NYAMI, wari kubazwa ivyerekeye izo nkoho ziriko zivugira mu ma quartier amwe amwe kuko urafise ico ibiziko wari wabivuze ko inkoho zizoguma ari urutavanako muri ayo ma quartier.

  • Fidelite you are very extremist uragakubitwa n iyamakira wa nterahamwewe

  • Jewe abarundi murantangaza kandi muratwenza, aho Wily Nyamitwe yigira umuhinga akibaza ko ari we wenyene azi ubwenge kandi azi kuvuga. Aho yivugisha nk’umumarayika ashaka imfashanyo kandi bavuze ngo uburundi bwarikukiye. ko bwikukiye aho arondera iki none ?biratanguye kubaceza !! Tteshwa mute mwe na sobuja nkurumbi kuko mwaritaye mu mutego nk’ifi mu rusenga!

  • Jewe abarundi murantangaza kandi muratwenza, aho Willy Nyamitwe yigira umuhinga akibaza ko ari we wenyene azi ubwenge kandi azi kuvuga. Aho yivugisha nk’umumarayika ashaka imfashanyo kandi bavuze ngo uburundi bwarikukiye. ko bwikukiye aho arondera iki none ?biratanguye kubaceza !! Tteshwa mute mwe na sobuja nkurumbi kuko mwaritaye mu mutego nk’ifi mu rusenga!

  • Murizimbabwe abazungu biburaya bafatiye ibihano leta barageraza guteranya ubwoko bwabashona na ndedele bacanemwo biranka.
    Murakanura mwebwe abatusti na bahutu ivyo mupfa vyose ntimukeneye kwicana.

    Abarundi baratandukanye nabanyarwanda.

    abanyagwanda babatusti twababanye muburundi bama arabantu bakunda kwigenga nugucuruza mugatondo kakare wunva bavyutse gucuruza mumyaka mike baribatunze
    abanyarwanda babahutu ubu nabaye murimalawi ,murizimbabwe,mozambike nico kimwe nabatusti baratunzi nibo bafise ubucuruzi
    Aho rero uri president kagame biroroshe guteza imbere abanyagihugu bigenza gutyo .
    ariko abarundi bose bifuza amashure ,bata umwanya wabo bari mukabare burijoro biyita a bapoliticien bose. ninkabacongo

    ico nikibazo abarundi dufise .Imana izoduhindure tumenye kwikorera utwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.