IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Willy Nyamitwe:’’ FOREBU izohereza nkaho iyindi mirwi yose yahereje’’

Willy Nyamitwe:’’ FOREBU izohereza nkaho iyindi mirwi yose yahereje’’

jeudi 24 Kigarama 2015

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe amenyesha ko umurwi mushasha wamenyesheje ko umuhari wamenyesheje ko ugiye kurwanya Reta ukoresheje ibirwanisho FOREBU ataho uzoshika.

Yishura ku butumwa bwashikirijwe na Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana aho yamenyesheje ko ari mu barongozi b’umurwi ugiye kurwanya Reta ukoresheje ibirwanisho,Willy Nyamitwe yavuze ko atari umurwi wa mbere urwanya Reta kandi yose ataco yashizeko yaburijwe mu menshi.

Willy Nyamitwe yavuze ko FOREBU ari umuhari udafise ishingiro kandi ko ivyo usaba bitisunze amategeko.Yavuze ko uzohereza nkaho iyindi mirwi yose yahereje kubera ugukorera hamwe kw’abanyagihugu b’abarundi.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru yavuze ko uwo muhari wariho kuva kera naho utari bwivuge ku mugaragaro,avuga ko ariwo wagize ibitero ku makambi y’abasirikare kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,ibitero vyahitanye abantu 87 bitavye Imana.

Willy Nyamitwe yavuze ko FOREBU umaze gutakaza ibintu vyinshi n’abantu benshi, ari naco gituma ata ntambwe bazotera.

Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana yamenyesheje kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015 ko umurwi bashinze uje gukingira abanyagihugu biciye mu kugarukana agateka ku masezerano ya Arusha n’intwaro rusangi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Esenide Yorwanyareta Abanyagihugubatomwemerera. Abarundibeshi 99% Bishakirumutekano. Ivyububitandukanye Nivyintwaro Zaba Buyoya Zacanguramoko. Itwaro Ir’ihubu Igizwe Na Batwa Abatutsi Nabahutu.

  • iyo yindi mirwi ushaka kuvuga ni iyihe ko atayindi twari bwumve?

  • iyo yindi mirwi ushaka kuvuga ni iyihe ko atayindi twari bwumve?

  • NGWARIMURI RIRARE AGOMBAKUMARISHA ABANTU YAVUYEMUGWANDARYARI UGWORUHINZA FOREBU MUJEKUTUGORAGUHAMBA MUHERUKAKUBURA IJANA UBUHONIMWESI,NAKABIRIGI,NTANINDWIYAMAJE MUGIHUGUHAGATINTIMWIHENDE NTANTAMBWEMUJODUTERANA

  • WAachewaje Hawatafuadaku Tuliishawachoka Muli Ishapotezawengi Jeshi Letu Liko Imala Njoonimuchinzwekamambuzi Enyimakafili Wanafiki Forebu Musitushumbuwekuzika

  • Ahubwo Reka Twumvikane Kuk Aha Abanyagihugu Nitw Tugow Na Cane-cane Aba Jeunes Kuk Nitwe Bahiga.

  • Nyamitwe najebarike amanwa azoshima aruko be na shebuja nkurumbi babatoj intok,aribagiy iyo bazanany?abarundi bibagira vuba

  • Komera Mutama, mugume muturongore neza, natwe tubari ínyuma mukuvugutira umuti izi njavyi zoma zishaka kudusubiza mu ntambara, mukubite izo mbwa natwe ruguru turarikanuye

  • ikikinyamakuru cacu igihe sinzingene vyagenze, ejo naranditse kuraryamakuru yaFOREBU ya nshirimana yiyemeje kugandangurabarundi ariko ntibayashizeko. kandi sinarinavuzenabi....bishobokakuba arivyuma vyagoranye.......

  • sha mitwe tubwire ati rero nibobishe abanyagihugu?bomu nyakabiga naboku musaga

  • Aba bagabo baba DD sinzi ico bishimirije. Ugira nukurinda gusa kubarimwo aho biyumva ko bazorwanya isi yose!!! Hamw boba bishimirije rusuferi nkumwami wabo , rusuferi yaramaz gukandagirwa kwizosi numugaba wingabo ariyo Mana yacu. Nayibisigaye nibatere igere iryanyuma kuko atawupfa adasamvye nzoba ndora. Iciza civyo bagogomba ngo bariko baravuga ataho bija bisigara muvyuma vyabazungu be no mumitwe yabarundi nzoba ndora amaherezo. Ntagihe umwicanye yakoze amaraso azopfa yatiwe kanatsinda nabo ba DD baravyivugiy kwata bashingantahe babaho habaho abagabo.

  • Mr. WIlly, erega na Buyoya yavuga yuko urya muhari wanyu CNDD-FDD ataho uzoshika ko ataco uzoshikakao! Mbega uravyemera yuko hari ico mwashitseko? Erega kurya mwakoze n’abandi barabishoboye ariko kandi bobo barashigikiwe kurusha uko mwari mushigikiwe. icoba ciza, emera ibiganiro, ibitagenda neza mubikosore hanyuma muwese mutware, mwubake igihugu mureke kugisambura. Erega igihugu muragisangiye mwese, nimureke gupfa ubusa , aho gusambura no kwicana mwubake murondere itarambere nkabandi. Umubanyi wawe apfuye umuntu wese akwiye kubabara kuko ejo niwe! Ntawukwiye kunezerezwa n’ibiriko biraba kuko muriko murisamburirako nk’impene kandi mufatanye munda mukarabira hamwe ivyo kurwa kugira mutere imbere vyose vyoca bigenda neza! Ibigiye inama bigira Imana kandi utubiri tuvurana ubupfu n’ubugirigiri bugira babiri. Nimuve muvyakera mwubake igihugu!

  • Mutama barabaza ayo kabirigi yabonye kumesa turabizi ahubwo tuZonyukura intumva nkizo muta buretse gato nous sommes près pour combat

  • nawewe umugwi wawe nturatsinda.nico gituma woreka iyindi kurya mutafashe igihugu,Nino nkabandi bazogifata.《ugwamo ruke》

  • JEWE KUBWANJE NYAKUBAHWA NDABAHAYEKARIBU KUKO ABENEGIHUGU TURIMASO NTIMUGIRIKIBAZO TUZOBAGWANYA KANDI TUBANESHE IKINDI NACO BAMENYE KO INKON ITARUZWA BAREKE BAGEND IKIVUNGA BAREKE BAGENDE NITWASHIKA KURIYORUDANI HANZAMBUKINKONA GUSA NAMWE BAGUMYABANGA NIMUREME TUZOTSINDA KANDI AMATWI YIMPENE YUNVA YOKEJE KANDI BAC UMUGANI BATI MUTOTO AKIRIRIA WEMBE MUPE UKIMUKATA ATAJUWA MWENYEWE ABONABO NUKUBAVUGUTIR UMUT UBAKWIYE

  • Ndavye Ivyobintu Biza Birondera Abanyagihugu

  • UWIBESHA NI UMUHUTU, UMUTITSI CANKE UMUTWA YIBESHA KO HAZOBA IHONYABWOKO GUTYO NGO HABONEKE UBURUNDI BUZOTWA N’UBWOKO BUMWE. NTIBIBAHO, IMANA YO MW’IJURU NIYO CABONA. IMANA IVYO NTIYOVYEMERA.BARUNDI NIMUZE TUBANE TWESE MUMAHORO.OK

  • Reka turindire amajambo hanyuma

  • kuri nyamitwe nomubwirako atokwijajara kuk uko buca atariko bwira kand ko buca bugacana ayandi. kuri coln eduard naw nomubwira ko inguvu zibonekera mubikorwa! twebwe abanyagihugu tuzoyoboka uwo wese azoba aramutswa igihugu naho azoba yagfashe kunguvu.

  • Emwe mwavuga nuko muduca imitima mukibagira ko twes tutazorusimba kirets abo Yesu azosanga ari bazima!

  • UYU MUGABO AGOMBA IJAMBO MUBIGANIRO NAYINGWANO ARIKOIDASHOBOKA MU BURUNDI KUKO ABARUNDI BATOBATO BATAYISHIGIKIYE NTISHOBOKA KWAZI KUGWANA NAJE MWISHAMBA AVUBIREYO NIYAGWANIRAYO IYINGA RIMWE NKAKUMWE ABANDI BAGWANIRA IBUGA BACE BAMWERA AREKE GUKWEGERA ABANYAGIHUGU MUGISAGARA YINYEGEZA MUMAZUYOCU KUGIR ABANABACU BICWE NGO NIBO BARASHE INGABO Z IGIHUGU ATAGIYE MW ISHAMBA NTASUBIRE KURASIRA MUGISAGARA AZOBA ARITERABWOBA MURINDI

  • Imana n itabar uburundi nk uko yatabay ihanga rya islaêl gko turarush n imbara knd niyo mpanvu ata terambere iki gihugu kizogra igtangaj n’uko 90% ar abakiristu.

  • Mubafashe no kumenya kubaha no kubana nabandi badasangiy ivyiyumviro cank ubwoko. Abantu batibaza ko hari ubwoko buronse ubutegetsi buca bukora genocide. Ivya nyamwinshi nivyo vyishe la région

  • Barundi muzirikane ko uBurundi ari ishami mwicayeho. Muramenye ntimuriteme! Amakimbirane azosigaza uBurundi inyuma amakungu abarebera. Kandi abo bizagiraho ingaruka ni Abarundi wenda abo mu gihe kiza. Hari ababateje umwiryane kugira basahure ni mureke kubatiza umuhoro nyabuneka. Kuko nibamara gufata ibyanyu bazogenda babasige mu kaga.

  • Nibagerageze turabe niba atarumunwa

  • Mbega Frodebu Yabaye Ryari umurwi Witwaje Irwanisho?Reka K’igirisha Basha Turazinanyi Basha.

  • Mbega Frodebu Yabaye Ryari umurwi Witwaje Irwanisho?Reka K’igirisha Basha Turazinanyi Basha.

  • Ewe Nyamitwa aho uzobonera ayo imbwa yaboneye ku mugezi.

  • ESE FOREBU YOKORANA N.UMURWI WA RUFYIKIRI BAKATUBOHORA!NAHO NYAMITWE NI AMENYE KO IZO ZIBIKA ZARI AMAGI.!

  • yoo mutama nyaruka twar tukurindirany igishik cinsh,

  • Leta ya Nkurunziza, reka murihe amakosa yanyu: mwishinze kwiruka inyuma y’amafaranga, ibihumbi umugani wanyu mwibagira diplomatie, mwibagira icatumye mufata inkoho mu kaja mw’ishamba.

    Uruhumyi n’inda ndende ntivyatumye mubona ikigwanisho gihambaye umwansi yakoresheje: les médias, murareka amaradiyo ama television y’umwansi aba ubuhojojo. Mwiriwe mu bikorane aho abandi bariko bakwira isi mu bihugu vyose basigura ko babwirizwa kuguma ku ntwaro, ivyo ntimwigeze mu bibona.

    Mwararetse ibibanza bihambayevy’igihugu bijamwo impumyi, ninkandagirabitabo, reke mwishure.

    Mwarananiwe no gutegera ko centre de décision politique muri ibi bihe itari muri Afrika canke mu Burundi ariko iri i Buraya, muri Amarika, muri Chine... reka mubone.

    Mwarananiwe no gutorera umuti ubushomeri mu rwaruka mukibaza ko ibintu bizoguma gutyo, reke mubone.

    Mwarazerutse abanyagihugu babizigiye, aho kubashimira mwaduka kubapfukama mu nda, ubukene buriyongera mu gihugu.

    Amakosa yanyu ntawoyarimbura ngo ayashobore. Ubu ko ata gihugu, ata Leta nimwe ibaha nirwere, mwizeye kubivamwo gute? Kwiyahura? Ingorane ’uko muzohitana benshi. N’urwanda ari Urwanda rusigaye rubahana n’imbwa. Mwabaye akamenyo.

    Ku bwanje nta mbabazi mukwiye kuko mwarahemukiye Uburundi n’Abarundi.

  • Abatutsi,abahutu,abatwa patriotes ntazobacana umutaru ,uwo mu pouchite

  • Bumvis Ko Zanteko Mvamakungu Bazase Non Batanguye Kwiyita Amazina Ngobaz Baje Kubahuza? Muraja Kuriterait Murek Kuvugira Musi Yigitanda? Ibimonyo Mugupfa Bimera Amoya!

  • nguyo nyamitwe.Expert kwirementanya.Sha nanzi ngo muri abagabo kwirementanya ivyiyi mandat yoyo birabanikira sindakubesha mwe na shobuja.Mwanguha tuzotuma dukoresha amaguru namaboko.Ikigenda gihenye si agasurira gusa.Abavyunva soyons unis.Tout est possible,la limite est le ciel.

  • nguyo nyamitwe.Expert kwirementanya.Sha nanzi ngo muri abagabo kwirementanya ivyiyi mandat yoyo birabanikira sindakubesha mwe na shobuja.Mwanguha tuzotuma dukoresha amaguru namaboko.Ikigenda gihenye si agasurira gusa.Abavyunva soyons unis.Tout est possible,la limite est le ciel.

  • oyaaada iyongendo yarashaje ntamunyagihugu numwe wovugira mumatwi ko ugiye kurasa bongere guhunga. bagware bicwe .bazira guharanira amasezerano ya arusha! naho nyene muburyo batabona neza kuburyo bokwemera intambara oyaaaa. ndabarahiye ntiharagera. camuyindinzira nayo ingwano wapi.

  • Ivy’Uburundi bisigaye ari akayoberabahinga. Ariko ntibizoba akananira Mana ubutagira iherezo. Abikiragiza abo ari bo bose, bamenye ko Imana iruta ingabo, kandi ari Mutananirwa. Abarundi twari dukwiye guhindukirira ku Mana vy’ukuri, tukavavanura n’urwanko, amacakubiri n’ukwihorahorana. Kuko Imana ni Rukundo-Kigongwe.

  • Sha murakina nibyo mutazi, ubu bwicanyi muriko murakora, iyi ntambara muriko murashoza mumenye ko niyo woba uri ministre canke president igihe kiragera ukiruka mu mpunzi nk’abandi bose, rero ntimukangwe n’ivyicaro murimwo uno munsi muziruka mutazi naho mwirukira!!

  • Ruka kuko ntanakimwemuzoshikomwanaw e jewe dumurundi mwemwiyi ta gomushakugarukana amahoro mzopfankakayinimubazbuyoya ababwil mwava igen eyangwanye

  • Uburundi nu bw Abarundi bose abariho n abazovuka Nta numwe arekuriwe
    kwica abandi ngo nukwo ari ku butegetsi canke ngo nukwo yitwaje Ibigwanisho
    Ugiye ku Butegetsi ntaba aguze Igihugu canke ntaba aguze Ikibanza c ubwo Butegetsi Ahubwo aba atewe iteka n abarundi kugira abaje imbere yongere abakorere
    Ivyo Ubutegetsi buriko buragira mu kwica canke kwiba itunga ry Uburundi bitebe bitebuke bazovyishura Nayo FOREBU niwaba uje kutabara Abarundi turabahaye ikaze

  • Vuga uti tuzobaha amahera nkukwo twahaye: Prime,Gaciyubwenge, Agaton Rwasa,Buyoya,Concilie.......etc

  • nibateshw bat abarundi turi maso. nimba arubuken bubarembej nibary bik baryam kar. bahemba kuja kunyaga ubutunzi nibintu vyabanyagihugu. nibaz bazoruca rutarama

  • NTANTAMBWE BAZOTERA KUKO BAZOSHIRA NK’IFU Y’IMIJIRA NKUKO VYAVUZWE N’ABARUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.