Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ububirigi : Umugabo yarakubiswe arashaya azira gushaka guheba umukenyezi (...)
Ububirigi : Umugabo yarakubiswe arashaya azira gushaka guheba umukenyezi wiwe
samedi 19 Mukakaro 2014
Umugabo w’imyaka 37 y’amavuka yakubiswe arashaya n’umuryango w’umukenyezi wiwe azira gushaka guheba uwo bubakanye.
Pantelis Koklis, ni umugabo afise amamuko yo mu gihugu c’Ubugiriki, yahora aba mu gihugu c’Ububirigi aho yari yubakanye n’umukenyezi afise amamuko yo mu gihugu ca Maroc, bakaba bafitaniye abana babiri.
Inyuma y’imyaka itari mike yubatse urwiwe n’umukenyezi wo mw’idini rya Islamu, Pantelis Koklis yumvise atagishaka kubandanya abana n’uwo mukenyezi wiwe, aca afata ingingo yo kuvana nawe. Ariko iyo ngingo naho yayifashe ntiyamworoheye kuko ab’iwabo n’umukenyezi baciye bamujako baramukubita arashaya, ahakwa n’ugupfa. Pantelis akaba yakubitiwe mu nzu aho yariko anywera ikawa, nk’uko yahora abikora.
Ababonye aho uwo mugabo akubitwa bavuga ko Koklis yakubiswe n’abantu bashika kuri munani bo mu muryango w’umukenyezi wiwe, abo nabo bakaba bari baje bafise imbugita n’amahiri. Inyuma yo kumukubita baciye batungwa n’ayo bameze barahunga.
Pantelis akaba yahavuye yitaba Imana kubw’ibikomere vyinshi yagize inyuma yo gukubitwa arashaya.
Abari aho bakavuga ko ari agahoberabunwa, bikaba kandi vyaranashobotse ko amasanamu afatwa n’abantu bari aho habereye iryo bara. Kubwabo, bakavuga ko bitakunze ko batabara kubera uko abo bantu bakubise Koklis bari bameze nk’ibisare.
Mwomenya ko ubwo bwicanyi bwagirizwa umukenyezi wiwe kuko bivurwa ko yoba yari mu muduga w’abo bicanyi umunani igihe bariko barakubita umugabo wiwe. Gushika ubu abakoze iryo bara bakaba bataramenya irengero ryabo, naho batarava mu gihugu c’Ububirigi.
Mariella Bukuru