IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Yohani MINANI yakuwe mu burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI

Yohani MINANI yakuwe mu burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI

lundi 16 Rusama 2016, par egide

Keffa NIBIZI niwe yahawe uburongozi bw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE. Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe hakaba hatowe David NIYONCUNGU.

Mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe ryabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 15 Rusama 2016, Yohani MINANI yahora aramutswa uwo mugambwe yagirijwe ko yoba yaragize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Yohani MINANI avuga ko atemera iryo koraniro Kaminuza ryamukuye mu mabanga, ahubwo agasigura ko ari inkinamico ryateguwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura bwatewe ishavu n’uko aheruka kugenwa kugira arongore urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA. Yohani MINANI avuga ko uwo mugambi w’ukumukura ku burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE wateguwe n’umugambwe CNDD FDD ubifashijwemwo na Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyabenda Pascal arongoye inama nshingamateka hamwe na Reveriyano NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka.

Yohani MINANI avuga ko iryo koraniro ataryemera kuko ritubahirije amategeko, abaritumyeko nabo akavuga ko batari babifitiye uruhusha, mbere n’abaryitavye akaba atari abanywanyi b’uwo mugambwe, nk’uko vyashikiirjwe na Yohani Minani.

Yohani MINANI ati : « Bafashe Imbonerakure zose bafise mu Kanyosha barazizana, nta munywanyi n’umwe wo muri SAHWANYA FRODEBU NYAKURI yari muri iyo nama. Abakuru b’imigambwe bose bo mu ntara baraye banditse ikete biyamiriza iyo ngendo. »

JPEG - 69.3 ko
Yohani MINANI yakuwe mu burongozi bwa SAHRANYA FRODEBU NYAKURI

Uwo yakuwe mu burongozi bwa SAHWANYA FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE, akaba ariko ariwe aramutswa CNARED, avuga ko urugamba yiyemeje bw’ukurwanya intwaro y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA azorubandanya.


IGIHE

Messages

  • aribuka ivyo yakoreye Léonce mu 2008 mugusambura FRODEBU,nawe niyumve ingene bigendera uwahemutse,no muri CNARED buca bamutera ivyatsi.

  • TOCHA UWOMUGIZIWANABI ABE ARANGARA ARIKO ABANYEPOROTIKE BAMWEBAMWE NTABWENGE BAKIGIRA MWIRUKANE IYOBUNBAFU ACHAKA GUTWARA ANIZE DOMOKARASI NAHOYABONYE VYATUGEJEJE MUREKE ABE ARAKOROPA AWESE YABAZUNGU AZIRINDAPFA ADATWAYE

  • uyonumuntuyihaye apana uwomwicanyinkurumbi yamazabantu minani ayonamajwimeshiwahawe urimandera komerakurugamba

  • Ntibakorako uwo mutama wacu minani nigitikiturirwa nkurunziza yibukeko nabuyoya ivyo yabigerageje afatikanije nacakigwari nzojibwami bikabata kuwamazi ahubwo babuze icobakora mutama minani uburero nihohageze rwarwana urugamba yatanguje gushika arutsinze aho mubuze uwo mwikorereza

  • ubwo sinkabimwe vya Rwasa na Jeacques Bigirimana?

  • minaniyobayibukaabagandaguyeprezidandandayenibamukurekukontacoyamariyeumugambwe

  • ivyo radjabu yavuze vyatumye isinzi yabantu ibakuraho ikizere, muraka puuu!!!

  • MINANI YARAKWIYE KURUKA AGAHEBA POLITIQUE KUKO BUCA BAMUKURA NOKUBUYOBOZI BWA CNARD.

  • MINANI YARAKWIYE KURUKA AGAHEBA POLITIQUE KUKO BUCA BAMUKURA NOKUBUYOBOZI BWA CNARD.

  • Minani ni umuhemu. Ni nka Nyangoma cg Sinduhije. Abantu birwa batera grenade mubacuruzi b’inyanya ! Ngo bararwanya Nkurunziza!! Ni umuhirimbiri

  • Pauvre Minani Jean. Inkoni ikubise mukeba urayirenza urugo. Kandi ngo uwicisha inkota, nawe azicishwa iyindi. Le term "Nyakuri a ete cree par Minani apres avoir trahi le FRODEBU. Niba bakoresheje "Imbonerakure", ni uko uzi ko ari yo procedure wakoresheje wa musi, alors ikosha riri he? Ribaye ikosha ko bagukuye? Bagushiraho ko ritabaye ikosha? Du calme quand meme, erega urakuze!!!!!

  • ahoho,abarundinibamenyeko,atawukivuga,ukuripeterowe,agomba,abamezenkawe,mubutwarebwiwe

  • ahoho,abarundinibamenyeko,atawukivuga,ukuripeterowe,agomba,abamezenkawe,mubutwarebwiwe

  • Polesana Nyakubahwa.igarukire mugihugu cakuvyaye wiyizire muMana nihohataba impindukankizo. Ubunomuri cenared bazokwirukana :

  • Yabonye gute ko zari imbonerakur atari mugihugu?mbe umurongoz ararongor abo batabana?mwagiy mugerera izo nda zanyu!niz zibatera ivy vyose gegegege gezah

  • Twe imbonerakure kumbe turakomeye basha! Mugwengezo Igihe bamukura ngo nimbonerakure nigihe nyene Minani atandukana na Leonce Minani yavuga ngo nimbonerakure zari mwiyo congre,na EMSD sibose bashigikiye ingendo yubwicanyi guturira abantu mumapine babona nubundi bwicanyi,none rindira nabo bagiye gukora congre,Sinduhije ace avuga ngo nimbonerakure,ehe raba ivya Concilie wa UPRONA Nditije ntiyahengeshanya kuvuga ko ari imbonerakure zari muri congre kandi ari abanyanyi babo ,none ntimubona ko dukomeye? INKONA UWUYIHANGAYE IRAGUSHISHIMA kandi NTIYARUZWA!!!! Harya nukudutinya!

  • Twe imbonerakure kumbe turakomeye basha! Mugwengezo Igihe bamukura ngo nimbonerakure nigihe nyene Minani atandukana na Leonce Minani yavuga ngo nimbonerakure zari mwiyo congre,na EMSD sibose bashigikiye ingendo yubwicanyi guturira abantu mumapine babona nubundi bwicanyi,none rindira nabo bagiye gukora congre,Sinduhije ace avuga ngo nimbonerakure,ehe raba ivya Concilie wa UPRONA Nditije ntiyahengeshanya kuvuga ko ari imbonerakure zari muri congre kandi ari abanyanyi babo ,none ntimubona ko dukomeye? INKONA UWUYIHANGAYE IRAGUSHISHIMA kandi NTIYARUZWA!!!! Harya nukudutinya!

  • Kuvovota ngo nukurwanya intwaro ya NYENICUBAHIRO Petero NKURUNZIZA vyovyo urabishoboye wananiwe nukuvura abenegihugu!Ayo di ni AMATEKE n’IBIJUMBU vyo mu KIRUNDO bikugeze mu gitsembe,emera wasubirijwe na Keffa wajebajeba ubona.

  • Abo ba sou politiqeu b’Iburundi bafise ingendo yubwicanyi,bakora amabi hama munyuma mumigambwe yabo abadashimishwa nimigambi mibi yabo bakabakura kubutegetsi,hama bagatangura guta ibitabapfu ktmuhari wimbonerakurd,ehe raba uprona kuri concilie nditije ngo ni mbonerakure zari muri congre raba Upede ngoni imbonerakure zari muri congre,ehe kuri Frodebu igihe Minani nyene yatandukana na Leonce,Leonce ntiyatanzwe nokuvuga ko ari imbonerakure,ubunaho raba Minani avugango nimbonerakure zari muri congre,yoooooo!! mbemuzaguma muhenda abenegihugu kugeza ryari?amanyanga yanyu barayahinyuye! reka abomurikumwe bashaka amahoro babandanye politike, nayo mwebwe mugume muzezeta!!

  • Nabagesera ntiboguhusha kuko ntiboroshe inzombonerakure niyo Mana yobo bafise

  • IVYANYU BIRAGOY NGOMBAMBAZ YOHANI MINANI KUGIRA UWOMUGAMBW UWIT FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAY WEHO NTIWIYONKOY KUBANDI? JEW NIBAZAKO ARUGUSUBIRIZANYA MUNKOKO! NIWIHANGANE.

  • Oho ! Uwomutama Yarabereye Gutwara Uburundi Aratandukanye Nakantukaraho Katumariye ko Amaraso Yabewacu

  • Oho ! Uwomutama Yarabereye Gutwara Uburundi Aratandukanye Nakantukaraho Katumariye ko Amaraso Yabenewacu

  • Igihugu Cacu Carahorovye Ariko Imana Irazi Vyose

  • MINANi reka nkwibarize uhagaze mububirigi ucubona iMBONERAKURE zomukanyo kwarizo zaje kugukura?uraraba neza wukuwe kubera ubukunzi bwinda bwawe reka kwambika ibara abandi bamwemera ah,intahe ishize.kandi nikowamye ntamusi wigera wemera ivyavuye mumatora.ugomba gutambikiza?mbehoho kumaze umwaka utaraba abanywanyi bace baba impehensa?twara cnrd niyo umugambwe benewo nibo bagukuye.na cnrd urazi kwaramezi atatu gusa ucubogozwa uce wibagigwa.mwariyitarukirijeko.reka mutama petero NKURUNZIZA yarahezagiwe n,Imana ntawuvuma uw,Itavumye.muvyemere canke muvyanka azobatwara.kuko abenegihugu ico bashatse n,Imana ica iterako igikumu rero mwihangane.mureke gusuzugura Abanyagihugu.

  • ntaco nibivugako kuko ababipfa nababisangiye !

  • EWEWAMUNTU WIYITA VIVI URAFIS AGAHINDA KESHI ARIKO MANDA YAMINANI NAKAGWI KIWE NTIRAGERA IKINDI NACO IYUVUZE NGO AKANTU KARAHO KABAMARIYEKO ABANTU NIBAR INKOZIZIKIBI NUKIZIKORERAKO KANDI UMENYEKO KWICUMWASI ATACAHAKUMANA KUKO NAMOSE NAYOSUWA NADAWIDI BARATURITSINKOZI ZIKIBI KANDI BAGUMYE MUBWIZABWIMANA

  • Ariko se iyo Hotel ya Minani afite mwayiteje cyamunara amafaranga akishyura bamwe izo nyangabirama zatwikiye amamodoka cyangwe batwikiwe abantu. Cyangwa se muyishyireho umwambi imere nka RPA (amateka).

  • mbega twebwe turi abakuru bimigambwe yokurwa duhagarariy propagand en province/kirundo/yobayakuwenand ataritw bivuyeko?ahaaaa!ivyuburundi bizobona uwuzoramba!!mbega uwobashizko katawe twarituz mumugambwe wacu tukaba twarituz ko arumu dd bihinduts gut?

  • ivyo yakoreye frodebu yar azi ko bizogend uko? mbega ntiyabonye ingene jacques yagiz rwasa? ihangan bwana minani, umenye ko "qui va àla chasse perd sa place"

  • Mbega Minani Wiyunze Nabamujeri Wibaza Ko Dossier Ya Hagarara Bwuma Baca Bayibagira?Ntubazi,abo Ninzoka!Narinzi Nguraz’ubwenge None Mubijuju Urimwo!

  • Dr Minani ararambiranye muri Politiki y’i Burundi. Ashatse yahagarika kuko buriya byaranze. Umuntu yamugereranya naba Twagiramungu faustin bo mu Rwanda cyangwa Etienne Tchiskedi wo muri Congo.

  • VIVI,BA WISONERA UGIRE ICO WUBAHA BIZOGUFASHA KUBAHO.URYA NTIMUNGANA,REKA KUMUSHIRA ISONI RERO,KUKO IMPANURO ZITANGWA K’UBUNTU,IMITI IKAGURWA AMAHERA.IYO YARI INKEBUZO.

  • Ivyo bihemu vyahemukiye abanyagihugu nivyo kwiyumvira NGO vyoja kurondera amajwi mubanyagihugu ntanuwobatora kuko iyo rukamvye bama wadutaye harimo nkuwo boha kuba umukururu w igihugu rukamvye cosigarara citwara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.