Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Youtube : Uburyo umuntu ashobora kuronka umuziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Youtube : Uburyo umuntu ashobora kuronka umuziki

Youtube : Uburyo umuntu ashobora kuronka umuziki

mercredi 6 Ntwarante 2013

Umuhora ngurukanabumenyi « Youtube »ufashijwe na Google,uzotangura uno mwaka igikorwa c’umuziki wo kwumviriza muri streaming.

Ivyo navyo bikaba bitazoca mu kwirungikira mu buryo busanzwe bukorwa « téléchargement » kuko vyohava bituma abandi babitanga kwagusa nka Spotify, ariko bivanye n’ukungene umuntu ashaka kuzironka. N’ivyatangajwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013 n’ikinyamakuru c’abanyamerika « Fortune ».
Kubw’ico kinyamakuru « Fortune »,kuriha ku kwezi bizotuma umurongo wa « youtube » urushirizaho gukora vyinshi.

«Ntidufise ico tuvuga kubivugwa canke kuvyibazwa, ariko abatanguje ibizokorerwamwo biyumvira ko bazoshobora kuronka akarusho bakoresheje uburyo bw’amahera bariha ku kwezi ku kwezi,inyuma yokumenyekanisha ivyo bakora ,ari naco gituma tubiraba».Ivyo n’ivyavuzwe n’umuvugiziwa YouTube.

Umurongo wa « YouTube »urakoreshwa cane n’abakoresha kenshi ingurukanabumenyi kugira bashobore kubona imiziki babonesha amasanamu (clip y’umuziki yamenyekanye cane mu 2012 y’umudiho wa Gangnam yarabwe incuro zirenga umuriyaridi).

Ayo ma video yiyo miziki yerekanwa ku buntu,ariko umurongo wa YouTube urabashigikira mu kumenyekanisha iyo miziki ikagabanya ko igice c’uburyo kija ahantu hagenewe ivy’umuziki « maisons de disques ».

Igisata c’umuziki kiguma kija mu murongo wo guhiganirwa hamwe nabajejwe Spotify,Deezer canke Pandora. Inkuru zarakwiragiye kenshi kuvyerekeranye n’umuzo w’uwo murongo ngurukanabumenyi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.