Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yoya yipfuza kuririmbana n’abanyarwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yoya Jamal > inkuru > Yoya yipfuza kuririmbana n’abanyarwanda

Yoya yipfuza kuririmbana n’abanyarwanda

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Yoya ni umuririmvyi amaze kumenyekana hano mu gihugu c’ Uburundi mbere no mu mahanga. Akaba ubu ariko arategura urukurikirane rw’indirimbo izoba yitwa ” Niko bimeze” kuko avuga ko ubwa mbere yaririmba indirimbo imwe imwe ariko nta rukurikirane yarafise.

Ico atangaza mu myiteguro y’ urwo rukurikirane rw’indirimbo ni uko yifuza ko indirimbo zimwe yoziririmbana n’abanyarwanda nka King James, Knowless na The ben kuko asanzwe ari umugenzi wiwe akomeye .

Akomeza avuga ko afise ivyizigiro ko iyo ntumbero yiwe azoyishikako kuko azi neza ko abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda bafitaniye imigenderanire myiza.

Urwo rukurikirane rw’indirimbo ngo yifuza kuzorushira ahabona mu kwezi kw’indwi ikazoba igizwe n’indirimbo cumi nshasha hama zimwe zimwe muzo asanzwe aririmba akazozishirako nk’akarusho kuri urwo rukurikirane .

Ikindi yatumenyesheje ngo afise intumbero yo gukora indirimbo yiwe yitwa“ Wiyumva gute” mu zindi ndimi kuko ubutumwa burimwo bushobora gufasha no mu yandi makungu kuko abantu benshi bumva iyo ndirimbo bagiye babimusaba cane.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.