IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Za miriyoni 20 z’ihiganwa PRIMUSIC 2014 zatanzwe icese

Za miriyoni 20 z’ihiganwa PRIMUSIC 2014 zatanzwe icese

dimanche 31 Myandagaro 2014

Ihiganwa rya primusic ryaraye rirangiye. Umuririmvyi wa mbere inyuma y’iminsi ishika hafi amezi abiri ihiganwa riciye mu ntara zose barondera uwo muririmvyi, yaraye ahawe ibahasha ry’imiriyoni 20. Ibirori mboneka rimwe vyitabwe n’igitigiri ntaharurwa c’abantu. Abajejwe umutekano baratevye barasendwa. Abaririmvyi bari ku rutonde bose baridagaduye kiretse Sat B atawuzi icatumye ataririmba.

Kuva igihe c’isaha zitandatu n’inusu (12h30), abajejwe umutekano bavuye mu mashirahamwe atandukanye yo gucunga umutekano bari bamaze guhangana n’abanyagihugu bashaka kwinjira. Hirya no hino y’uruzitiro rwari rukikuje ikibuga ca ETS Kamenge hari uruja n’uruza ry’abantu n’imiduga. Imbere mu kigo, ubunywero bwari bwuguruye aho ikinyobwa ca Primusic cariko kiradandazwa ku bwinshi.
Inyuma y’ijambo rya Christian Kabirigi yarongoye Primusic 2014, T-Max yaciye yugurura ibirori araryohera abantu yisubiriza, yakurikiranye na Rally Jo imfura ya Primusic n’umurwi wiwe wabiciye biracika. Patient Matabaro yatwaye Primusic mu mwaka w’2013, Mkombozi, na Yoya. Bigeze aho, baciye basoma amazina y’abaririmvyi 6 bagira banyinyurane, berekana kandi umurwi utanga amanota utahindutse, hanyuma Steven Sogo aca aronswa umwanya wo kwikora mu gahogo.

Abahiganwa 6 aribo Ntiganzwa Olga Lorie, Kiki Toure, Edouin Trend, Sosthene, Ninteretse Christian, na El Pedro. Ico gihe abantu bari bamaze kuba benshi cane gushika aho baguma basaba ko abantu bosubira inyuma kuko bagomba gusitura ivyuma vyababuza gushika ku ruhimbi.

Igice gihambaye c’ibirori cuguruwe na Fariouz aho yaje yambaye ibendera ry’igihugu. Induru y’umunezero yakiriye uwo muririmvyi akundwa cane. Afadikanije n’umurwi wiwe barabiciye biracika. Igitangaza cabaye n’uko ku rutonde rw’abaririmvyi hariko Sat-B imbere ya Fariouz, uwo ntiyigeze ahonyoza ibirenge ku ruhimbi kandi yari aho.
Ubutigu burageze, abatanga amanota baraje, bazananye ku ruhimbi (Stage) n’abaririmvyi 6 hamwe n’abakobwa bavuye muri "Agence Umuringa" bafise agahembo k’umwe umwe muri bo baririmvyi. Aron Ntunga, umwe mu batanga amanota afata ijambo asa n’uwusaba imbabazi ku batsindwa mw’ihiganwa, ati :” Iyo yaba jewe mwari kuba aba mbere mwese kuko mwarerekanye ico mushoboye, muri abarimvyi babushitse. Aron aca atangura gusoma ahereye inyuma maze bakurikirana bahera kuwa nyuma :

6) Amissi El Pedro aca aronswa ibahasha ry’ibihumbi 500.000 y’amarundi,

5) Sosthene : Umuriyoni w’amarundi,

4) Edouin Trend : 2.000.000

3) Olga Lorie : 3.000.000

2) Kiki Toure : 5.000.000

1) Christian Ninteretse : 20.000.000

Uwo yabaye uwa mbere yaciye agwa mu gahundwe arapfukama, araramuye amaso, yahawe agashimwe kiwe na Rally Jo maze ashimira abantu bose bamufashje gushika aho, ntiyibagiye umurwi Agati k’Imana n’ishengero ry’aba Dominicains aho asanzwe ari umuririmvyi. Ibirori vyarangijwe na Dr Jose Chamleone aho ibintu vyaciye biyangara, aho abajejwe umutekano barengewe, inyuma yaho Chameleone asavye ko abajejwe umutekano boreka abantu bakamwegera. Araheza arangiza ibirori.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Nivyiza cane,nikimwe mubituma aba ririnvyi baterimbere,iyo habayamahiganwa benayo,!ahubwo twosabubutegetsi hamwe nayandi mashirahamwe yigenga ko bovirahasi igikorwa cogutezimbere umuziki, mugihugu cu burundi,umuziki, nikimwe mubintu bitezimbere igihugu.bikongera bikanakimenyekanisha mumakungu,ndakwipfurije gu terimbere mr christian.

  • Ariko tubiravye Jury irahengama cane,kuko Elpedro vraiment kuba uwanyuma ntivyumvikana,;nimba mwamuhoye ko yoba ari umu CongoMAn,sinon;....Hama Olga,ndabona ko ariwe muzohava muyaha l’An Prochain kandi muzotuzanire Diamonds,en Plus Chamilioni,yaririmvye ibintu bidashemeye,..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.