Urunani rw’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha mu gihe c’impanuka ASSUR(Association des Societes d’assurance du Burundi) rwatunganije kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Munyonyo 2018 inama ya mbere rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ico gisata mu ntumbero yo kurabira hamwe uko ico gisata cifashe,guhimiriza abantu bose gutahura akamaro k’ayo mashirahamwe hamwe no kurabira hamwe uko boduza umwimbu.
Accueil > Amakuru
Amakuru
-
Urunani ASSUR rwatunganije inama rukokoma ihuza amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha
15 November 2018, by vianney -
Inama nshingamateka na nkenguzametaka vyaronkejwe imfashanyo na ABEF
14 November 2018, by vianneyIshirahamwe rihurikiyemwo amabanki akorera mu BURUNDI ABEF (Association de Banques et Etablissements financiers) ryaronkeje inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi imfashanyo y’amafaranga angana imiriyoni 23 y’amafaranga y’amarundi azofasha mu gikorwa co kwakira inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka yo mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.
-
Abantu 10 bagize umurwi w’ishirwaho ry’abakomiseri ba CVR bashizweho
14 November 2018, by vianneyAbantu 10 bagize umurwi ujejwe ishirwaho ry’abakomiseri 13 bo mu murwi ujejwe ukuri no kurekuriranira CVR washizweho n’inama nshingamateka hamwe n’inama nkenguzamateka aho urongowe n’umukuru wayo,icegera c’umukuru w’uyo murwi hamwe n’umunyamabanga.
-
Igitabo ngenderwako mu gutanga amakuru cemejwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu
13 November 2018, by vianneyUbushikiranganji bw’agateka ka zina muntu,imibano hamwe n’iterambere ridakumira bwemeje igitabo kizofasha kugira kibe igikoresho ubwo bushikiranganji buzokoresha mu gutanga amakuru atomoye yo murubwo bushikiranganji.
-
Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe
12 November 2018, by vianneyIndwi yahariwe umurwanyi yatangujwe kuruno wa mbere igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Bubanza,ikaba yatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kw’ishengero rya Gifurwe ryo muri paruwasi ya Muzinda.
-
Abipfuza guhiganirwa ibibabanza vy’ubukomiseri mu murwi CVR basabwa gushikana ibisabwa n’amategeko
10 November 2018, by vianneyIbiro vy’inama nshingamateka bimenyeshako bihamagariye abantu bose bipfuza guhiganirwa ibibanza vy’abakomiseri 13 b’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR ko boshikana ibisabwa n’amategeko mu murwi ujejwe gutunganya ishirwaho ry’abakomiseri 13 washizweho n’inama nshingamateka.
-
Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwitaba ibikorwa vy’isasa ridasanzwe ryimirije
10 November 2018, by vianneyUmukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA amenyeshako atumiye abashingamateka kwitaba ibikorwa vy’isasa ridasanzwe kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika kurya 23 Munyonyo umwaka wa 2018.
-
BRARUDI yaronkeje udushimwe abatsinze mw’ihiganwa « Pfundurura Utsinde »
8 November 2018, by vianneyIshirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ryatanze udushimwe dutandukanye ku bantu batomboje muvyo bise Pfundurura Utsinde. Kugira utombore, umuntu agura icupa ry’ikiyeri inyuma yo kuryugurura afata umufuniko akawuharura kugira arabe ico yatomboje indani mwuwo mufuniko.
-
Ngozi: Umukuru w’igihugu yakoranije inama ihuza abakorera mu gisata c’ubutare
7 November 2018, by vianneyUmukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Ngozi, inama y’abakorera mu gisata co gucukura ubutare mu ntumbero yo kurabira hamwe uko ico gisata cifashe.
-
Abipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo
6 November 2018, by vianneyAbipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo kuruyu wakabiri igenekerezo rya 6 Munyonyo umwaka wa 2018 bikaba bitegekanijwe ko ivyo bibazo bizohera kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 bikabera ku mirwa mikuru y’intara.