IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza basabwe kwirinda kumena amabanga y’igihugu

Abacamanza basabwe kwirinda kumena amabanga y’igihugu

samedi 23 Nyakanga 2017

Yugurura umwaka w’ubutungane kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017,umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yavuze ko yizeye ko mu mwaka w’ubutungane 2017-2018 abazotunganirizwa bazoba benshi gusumba umwaka w’ubutungane uheze wa 2016-2017.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abacamanza kuvyura imanza zisa n’izibagiwe na cane cane imanza ziraba Reta ,aca abasaba kandi kwama bakorana n’izindi nzego za Reta mu ntumbero yo gutunganiriza bose neza.

Naho ashima urugero ubutungane bugezeko mu kurwanya igiturire,umukuru w’igihugu yasavye abacamanza kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta atawe bakingiye ikibaba,abasaba kandi kudoma urutoki uwo wese ateza urubwa ubucamanza.

Umukuru w’igihugu yasavye kandi abacamanza gushira mu ngiro ingingo baba bafatiye mu myiherero,abasaba kandi kutagira imyifato nk’iyibonekeja mu minsi iheze mu kwirinda kumena no kwandagaza amabanga y’igihugu.

Umwaka w’ubutungane 2017-2018 wuguruwe ku civugo:’’ Ubutungane bwugururiwe bose,uruhara rw’amasentare n’izindi nzego z’ubutungane.’’


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abateza urubwa ubutungane bw’Uburundi ni bande? Ko hari ivyaha abacamanza batubahuka guhana kuko ababikoze bavuga ko bahawe amategeko avuye hejuru. Aho hejuru ni he? Ni mw’ijuru?

  • Nzokwemera kwarabagabo bazi gucimanza, bahere kuriwewe bagute mumpimba,
    kuko ivyaha wagirizwa narusoferi ntanivya rashikira!
    nayivyo wivugira nuguhuma amaso amakungu ngo muburundi harubutungane, ubutungane bwaramaze gutabagara butabagajwe namwebwe mwita ngo murongoye igihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.