Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bo mu Kagaragara bemerewe gusubira mu mihana iwabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abanyagihugu bo mu Kagaragara bemerewe gusubira mu mihana iwabo

Abanyagihugu bo mu Kagaragara bemerewe gusubira mu mihana iwabo

lundi 2 Nzero 2017

Abanyagihugu bari birukanywe mu Kagaragara, Zone ya Buringa iri muri Komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza, bamenyesha ko bashimishwa n’ingingo yafashwe n’umurwi washinzwe n’umuhuza yo kubaha uburenganzira bwo gusubira mu mihana yabo.

Nkuko bishikirizwa n’umwe mu barongozi bo hasi mu Kagaragara, avuga ko aho bari bashikiye imbere y’inyubakwa ya zone Buringa basa nuko bari mu kuzimu, agashima igikorwa umuhuza w’abarundi kugira basubire mu mihana yabo.

Uwo mutware wok u rwego rwo hasi , yavuze ko mu minsi bari bamze imbere y’inyubakwa ya zone Buringa ata nfashanyo n’imwe y’infungurwa canke ibikoresho bari bwaronke.

Naho biri ukwo, abakozi bakora mu mirima batavuka aho mu Kagaragara ntaburenganzira baronse bwo gusubira muri ako gace, bashobora kujayo gusa bagiye gukora imirimo ya minsi yose, bahejeje bagasubira i Buringa canke mu Rukaramu aho baba.

Uwo murongozi asaba abagira neza kubagarukirako kuko ataco basigaranye mu mazu yabo bitumwe n’uko ivyari mu mazu yabo vyibwe igihe bari birukanywe mu mihana yabo.

Abo banyagihugu birukanywe mu rugaragara kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2016, Abarongozi b’intara ya Bubanza bari birukanye abo banyagihugu bo mu Kagaragara kw’igenekerezo rya 18 Kigarama 2016 bavuga ko ari ku mvo z’umutekano no gukingira ibidukikije.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.