Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’ Abanyeporitike bahuriye i Nairobi nta cizere abarundi bobitegako’’-Keffa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’ Abanyeporitike bahuriye i Nairobi nta cizere abarundi bobitegako’’-Keffa (...)

’’ Abanyeporitike bahuriye i Nairobi nta cizere abarundi bobitegako’’-Keffa NIBIZI

jeudi 1er février 2018

Keffa NIBIZI avuga ko kuba abanyeporitike bavuga ko batavuga rumwe na Reta bahuriye I Nairobi,ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya babifata nk’igitangaza, kuko harimwo abasanzwe bari mu gihugu mu mwidegemvyo.

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, asigura ko inama yo kuvuga ibijanye n’igihugu, itobera hanze y’igihugu, kuko bikozwe ukwo bica ariko biboneka ko umenga harimwo iyindi mikino.

Keffa NIBIZI arahakana ivyashikirijwe n’abatavugarumwe na Reta bakorera hanze y’igihugu hamwe n’abakorera mu gihugu, aho bamenyesheje ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gutuma haba uruhagarara canke intambara.

Avuga ati :« Bavuze ko gusubiramwo ibwirizwa shingiro bishobora kuvamwo intambara , canke uruhagarara ni ugushikuza, kuko abanyagihugu aribo bafashe ingingo yo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, ntaho iyo ntambara yova. »

Ku vyashikirijwe n’abo banyeporitike b’abarundi bahuriye mu gihugu ca Kenya, ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gutuma haba izimanganywa ry’amasezerano ya Arusha, Keffa NIBIZI asigura ko Uburundi budatwarwa n’amasezerano, ariko butwarwa n’ibwirizwa shingiro nk’ibindi bihugu.

« Uburundi ntibutwarwa n’amasezerano ya Arusha. Mw’ibwirizwa shingiro rishasha ingingo zikomeye z’urufatiro zirimwo, nk’ibijanye no kugabangana ubutegetsi bafatiye ku butandukane, uko inzego z’umutekano zubatse, ibijanye n’uko ata muntu arenza ibiringo bibiri yikurikiranya vyagumemwo, ingingo nyamukuru zari muri Arusha zagumyemwo. »

Keffa NIBIZI arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, ariyamiriza kandi ivyashikirijwe n’abo banyeporitike, aho bavuze ko amatora yoshobora kuba mu kindi gihe, agasigura ko inzego zoba zihari muri ico gihe zitoba zifise izina.

JPEG - 31.4 ko
Keffa NIBIZI,umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye

Asaba abanyeporitike bose kuja mu ntumbero imwe y’amatora, abari hanze y’igihugu batahuke mu gihe ataco biyagiriza,abafise ivyo bagirizwa bitabe ubutungane kugira bubatunganirize.

Keffa NIBIZI arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye , avuga ko ari ibisanzwe ko abanyeporitike bakurikije amategeko baja hamwe, ariko ko inzira y’amatora yonyene mu bihe vyashinzwe, ariwo muti urama kugira abanyeporitike bateze imbere igihugu mu bijanye n’ubutunzi n’intwaro rusangi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uyo mugabo anywa urumogi kuko ntamuntu akomeye yovuga uko.

  • Haha. Na Jean Minani agishinga Frodebu Nyakuri yavuga ko Frodebu ataco umuntu yoyizerako. None raba nawe ubu ari ....uko niko politique imeze. Kandi n’ejo niko politique izobandanya imeze kuko nta kuri kurimwo. Harimwo gusa kugerageza kubaho. Umuntu aronse micro ni gushimira Imana,ntiyibazeko hari ubundi buhinga burimwo. Ese icofasha abarundi tugashika muri 2020 turi hamwe (haba abari hanze n’abari mu gihugu-ivyo abantu bagirizwa bijanye na politique tubiravye ntawosubira kuvuga). Amatora ni meza cane kuko ubu niyo nzira yo gucamwo kugirango democratie y’ubu itsimbatare. NI meza cane iyo kandi abarundi b’ivyiyumviro bitandukanye-harimwo n’abarabana ay’ingwe- bagiye bose mu matora,gutyo hagatwara ubudasa bw’abantu muga bahurije ku gihugu kimwe. Ni volonté rero politique.

  • kandi nyamara abarundi mushatse mwava mumatiku mugateza imbere igihugu cyanyu. mukiga, mugacuruza mugakora ibyabateza imbere. izi politike zokutunvikana zirarambiranye

  • oke jewe icombona nuko abarundi twese twotekana hanyuma tukarindira amatora umuntu wese agashira ahintahe ishize

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.