IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure babiri bo muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza

Abanyeshure babiri bo muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure babiri bari mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza i Bujumbura. Dushime Elyse yafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, mu gihe NKUNZIMANA Audace yafashwe kuri uwu wa gatatu igihe c’isaha umunani. Uwo agira kabiri yafatanwe n’abandi banyeshure bane, ariko abo bakaba bahavuye barekurwa hasigara uwo NKUNZIMANA, nk’uko umuvugizi w’igiporisi abimenyesha.

OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo banyeshure babiri bariko bakorwako amatohoza, bakagirizwa ko bari mu bariko bashaka gutera akajagari mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi.

Abaserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bo mu mu bigo vyose baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bagabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa, mu gihe ikibazo bafise kitoba catorewe inyishu gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.

Abo barungikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi bavuga ko ikibazo nyamukuru bafise ari itegeko ry’umukuru w’igihugu riheruka gushirwaho, rihindura ingene agafashanyo bahora bahabwa bakaronswa. Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ko ako gafashanyo bazogahabwa nk’ideni bazotegerezwa kuriha (prêts-bourses).


IGIHE

Messages

  • Wankabagwe Ntiwanka Zanandabe Guhagarika Siwomuti Mwobandanya Icomusa Mugibe murikukivi Mwibuke Uyumwaka Ndawuhariye Kugwanya Ubukene Ntiduhagarike Imirimo Rero

  • Umuhisi Nyerere niwe yigeze kuvuga ati: "Elimu haimalizi ujinga". Abo banyeshure nibatahure yuko ibintu vyahindutse. Nta nahamwe kaminuza yigwa ku buntu. Barabaze ingene bigenda ahobhakurya ya Kanyaru ko ariho abenshi bibaza ko ibintu vyifashe neza. Icobay kibi nuko batoronka ako gafashanyo. Nayo kukaronka bakazokishura bamaze gukora ingorane iri hehe?

  • Nari nababwiye ko babanyara kubera muriko muragumuka mukibaza ko ndababesha. Ubu ngirango muriko murabibona tekereza mwige ntawuzoza kubishuz agafashanyo mwahawe mugihe mutazoba mufis akazi .nimwabandanya mugumuka naho barabamesa hama babanikire kuko namwe ntaneza muriko murabashakira. Nimutekereze s inda zose zivyara abakuru bibihugu nubuntu bwimana

  • mwasazeee cank?Ubutwe tutize mushaka tubeho gute?Mureke gutukisha igihug

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.