IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bagirizwa guca mu nzira zitemewe muri kaminuza y’Uburundi (...)

Abanyeshure bagirizwa guca mu nzira zitemewe muri kaminuza y’Uburundi bafatiwe ibihano

Thursday 14 June 2018, by vianney

Mw’itegeko umuyobozi ajejwe uburaro mu kigo vya kaminuza y’Uburundi yasohoye amenyesha ko hisunzwe amategeko ashiraho ikigo c’uburaro bwa kaminuza hamwe n’ingene gikora, abanyeshure 36 bafatiwe igihano co kwakwa agafashanyo k’ukwezi kumwe basanzwe bahabwa.

Umuyobozi ajejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi,avuga ko abo banyeshuri baciye mu nzira itemewe n’amategeko inyuma y’isaha zitatu n’igice z’ijoro.

Anatole NZINAHORA amenyesha ko iyo ngingo ifashwe kuko abo banyeshure barenze ku ngingo ya 54 ijanye n’amategeko agenga uburaro mu bigo vya kaminuza.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.