Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshuri baserukira abandi muri kaminuza za Reta bari bahagaritswe (...)
Abanyeshuri baserukira abandi muri kaminuza za Reta bari bahagaritswe baridegemvya
vendredi 17 Ntwarante 2017
Abanyeshure batanu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi na Kaminuza nderabigisha ENS bari bahagaritswe n’ibiro vy’igendereza kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017 baridegemvya.
Abo banyeshuri bagizwe na batatu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi hamwe na babiri baserukira abandi muri kaminuza nderabigisha ENS.
Bose hamwe bari bahagaritswe inyuma yaho bari bitavye imitahe yabarengutsa muri sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’amatohoza nkuko vyari ku mitahe yabarengutsa.
Inyuma y’umutaga bahavuye burizwa imodoka z’igipolisi bajanwa kubarizwa mu kindi kibanza, ivyatumye ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS bihagarara ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Batatu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi bari mu berekanye ko badashigikiye uburyo bushasha bwo gutanga agafashanyo gahabwa abanyeshuri.
IGIHE