IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshuri baserukira abandi muri kaminuza za Reta bari bahagaritswe (...)

Abanyeshuri baserukira abandi muri kaminuza za Reta bari bahagaritswe baridegemvya

vendredi 17 Ntwarante 2017

Abanyeshure batanu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi na Kaminuza nderabigisha ENS bari bahagaritswe n’ibiro vy’igendereza kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017 baridegemvya.

Abo banyeshuri bagizwe na batatu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi hamwe na babiri baserukira abandi muri kaminuza nderabigisha ENS.

Bose hamwe bari bahagaritswe inyuma yaho bari bitavye imitahe yabarengutsa muri sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’amatohoza nkuko vyari ku mitahe yabarengutsa.

Inyuma y’umutaga bahavuye burizwa imodoka z’igipolisi bajanwa kubarizwa mu kindi kibanza, ivyatumye ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS bihagarara ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Batatu baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi bari mu berekanye ko badashigikiye uburyo bushasha bwo gutanga agafashanyo gahabwa abanyeshuri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.