IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bo mu myaka yi 9 na 10 bamenyeshejwe umunsi w’ikibazo ca (...)

Abanyeshuri bo mu myaka yi 9 na 10 bamenyeshejwe umunsi w’ikibazo ca Reta

samedi 3 Ruheshi 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017,umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri 144795 bari mu mice itatu aribo bazokora ico kibazo,kandi mu muce wose bazokora ivyo bize.

Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abananiwe mu myaka iheze biga mu myaka ya 10 n’umwaka w’9 ababishaka bazosubiramwo ikibazo,ku bananiwe mu mwaka w’10 bazkra kuvyo bize mu mwaka w’10 imbere y’uko bayoberwa.

Muri ico kiganiro umushikiranganji w’amashuri y’intango,ayisumbuye,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yamenyesheje ko ku bijanye n’abatora ikibaz hari itandukaniro kuko uno mwaka ikibazo kizotorwa n’abigishije mu gihe mu myaka iheze cahora gitorwa n’umurwi usanzwe.

Mwomenya ko abazosubiramwo ikibazoo bahora biga mu mwaka w’9 ari 17475,abahora biga mu mwaka w’10 nabo bakaba 11327.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.