IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Emile MANISHA yemeza ko ata muntu akubitwa mu matohoza y’igiporisi

Emile MANISHA yemeza ko ata muntu akubitwa mu matohoza y’igiporisi

vendredi 30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Emile MANISHA amenyesha ko bishika rimwe na rimwe iyo umuporisi agiye gufata umuntu bishika uwo muntu agakubita uwujejwe umutekano, bigatuma mu nyuma uwo ajejwe umutekano amusubiza ariko bishitse inyamiramabi igakubita umuntu ica ifatwa igahanwa n’amategeko kuko bitarekuriwe.

Ivyo yabishikirije kuri uwu wa kane, umunsi igiporisi kijejwe amatohoza cari cuguruye imiryango ku bantu bose bipfuza kumenya ibikorwa birangurwa n’ibisata bitandukanye vy’urwego rw’igiprosi kijejwe amatohoza.

Uwo musi wahariwe umuntu uwariwe wese yipfuza kumenya ibirangurwa n’urwego rw’igiporisi rujejwe amatohoza wahimbajwe kuri uwu wa kane ku civugo kivuga giti : “Igiporisi kijejwe amatohoza mu Burundi gishigikira uburenganzira bwa kiremwa muntu, gikora cubahiriza agateka ka zina muntu.”

Komiseri Emile MANISHA arongoye igiporisi kijejwe amatohoza yamenyesheje ko ico gikorwa catunganijwe mu ntumbero yo gufasha abantu kumenye ibirangurwa n’igisata kimwe kimwe kigize urwego rw’amatohoza, ndetse bifashe n’abantu kumenya aho bashobora kwitura mu gihe barenganijwe.

Ku bijanye n’igiturire bivugwa ko gitangwa muri urwo rwego, Emile MANISHA yavuze ko abantu bagiye gusaba inkaratasi bakeneye canke abashaka ivyo bafashwa mu giporisi aribo bingingira igiturire abajejwe umutekano.

Uwo atwara igiporisi kijejwe amatohoza yavuze ko urwego ajejwe rwubahiriza agateka ka zina muntu mu bikorwa vyarwo, kuko ababituye bakirwa bakongera bakumvirizwa kandi umuntu ataraciribwa urubanza agemurirwe, ndetse akaronswa n’umushingwamanza.

Zimwe mu ngorane urwo rwego rw’igiporisi rujejwe amatohoza ruhura nazo, nk’uko vyashikirijwe na Emile MANISHA, ni nk’ibijanye n’ibura ry’ubuhinga bwa none bwofasha gutanga urupapuro rwerekana ko umuntu adakwirikiranwa n’ubutungane abantu batabanje gushika i Bujumbura hamwe n’ibura ry’ubuhinga bufasha gusuzuma neza inkozi zikibi zakoze icaha bita “Service de laboratoire” mu gifaransa.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Mais c’est du sang sur cette photo?

  • Iyaba umuntu yitavye Imana yagaruka, hariho umunyagihugu wo mu Twinkwavu, Komine "Cendajuru" yitwa Simoni Bizimana yoza kubeshuza uwo yavuze ko inyamiramabi zidakubita abantu. Simoni yarakubiswe gushika aho yitaba Uwamuremye n’abo bitwa ngo ni inyamiramabi ataco bamuhora, afise Bibiliya mu ntoke. Hari aho Imana yovuguruza Emile Manisha kuvyo yabeshe, kuko turi mu Ndwi Ntakatifu.

  • Ahubwo nibatubwire tubahe amasanamu y’abantu bakubiswe gushika bashengere i bukama, vuga sha nguhe amafoto turayafise,bamureka gukina k’umbyimba w’umuntu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.