Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Umurwi Messager Ngozi wafashe ikibanza ca mbere ku rutonde (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Umurwi Messager Ngozi wafashe ikibanza ca mbere ku rutonde (...)

FFB : Umurwi Messager Ngozi wafashe ikibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 27 novembre 2017

Umurwi LLBS4 Afrika wari umaze igihe uri mu kibanza ca mbere k’urutonde nfatakibanza, wavuye muri ico kibanza inyuma yo gutsindwa mu rukino rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2017, uwo murwi ukanganya ibitsindo 2 ku bindi n’umurwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega.
Umurwi Messager Ngozi wafashe ikibanza ca mbere inyuma yo gutsinda urukino rwabaye kuwa gatandatu, umurwi Messager Ngozi ugatsinda umurwi Les Lierres ibitsndo bibiri kuri kimwe.
Mu zindi nkino, imirwi yatsindanye uku gukurikira :

Kuw’Imana igenekerezo rya 26 Munyonyo :

JEUNES ATHLETICS 2 : 1 NGOZI CITY
BUJUMBURA CITY 3 : 1 ATHLETICO

Kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo :

OLYMPIC STAR 1 : 3 AIGLE NOIR
FLAMBEAU DU CENTRE 2 : 2 LLB S4A
VITAL’O 2 : 0 MUSONGATI

Ku rutonde nfatakibanza, umurwi Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere n’amanota 36, mu kibanza ca kabiri haza umurwi LLBS4 Africa n’amanota 35, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Aigle Noir n’amanota 31, Olympique Star uza mu kibanza ca kane n’amanota 23, ukanganya amanota n’umurwi wa Vitalo uza mu kibanza ca gatanu.

Mu bibanza vya nyuma hari imirwi Delta Star wa nyuma n’amanota 5, mu kibanza ca 15 haza umurwi Messager Bujumbura n’amanota 9, umurwi les Jeunes Athletic uza mu kibanza ca 14 n’amanota 12, mu gihe umurwi wa Athletico uza mu kibanza ca 13 n’amanota 12.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.