IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gitega : Abavukantara basabwa guterera mu kwitegurira umurwa mukuru wa (...)

Gitega : Abavukantara basabwa guterera mu kwitegurira umurwa mukuru wa poritike n’intwaro

samedi 6 janvier 2018

Mw’itangazo ryateweko umukono na buramatari w’intara ya Gitega Venant MANIRAMBONA kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, buramatari amenyesha ko hari ibikorwa bibiri bihambaye biriko birakorwa,ico gusanura ikibuga ca kijambere c’umupira w’amaguru hamwe no kwubaka igorofa kuri ka minuza y’ubuhinga ya Gitega.

Muri iryo tangazo,buramatari w’intara ya Gitega amenyesha ko ivyo bikorwa bibiri bisaba uburyo bwinshi kandi bipfuza ko biba mu maguru masha, nayo uburyo bwose bukenewe bugatangwa n’abavukantara , abahaba hamwe n’abakunzi bayo.

Buramatari w’intara ya Gitega, amenyesha ko abazoyatoza bazosanga abanyagihugu aho baba bitwaje amakaye yo kwandikamwo uwuyatanze, abo nabo bakazoca bayashikana kwa musitanteri aho azoca ayajana kuyashira kuri konte yuguruwe muri MUTEC, nomero 3001-40841701-93 yuguruwe kw’izina ’’ Stade Gitega’’.

Igikorwa co gutanga ayo mafaranga kizoba kuwa gatandatu igenekerezo rya 13 Nzero 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.