Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo yari yafashwe kw’isoko "Kwa Siyoni" yabaye irahagarara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ingingo yari yafashwe kw’isoko "Kwa Siyoni" yabaye irahagarara

Ingingo yari yafashwe kw’isoko "Kwa Siyoni" yabaye irahagarara

mercredi 21 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa n’abadandaza bakorera mu bibanza vyo muri "Bloc" ya mbere n’iya kabiri, intango y’ukwo guhagarika akazi, ni kuba ubuyobozi bw’isoko bita "Kwa Siyoni" bwafashe ingingo y’ugukura amameza ari imbere y’ibibanza abo badandaza bakoreramwo, bene izo meza batagishijwe inama. Ubwo buyobozi bukaba bwaheruka gufata ingingo y’ukuduza amafaranga abo badandaza bahora barihira ibibanza bakoreramwo, mu gihe batokura izo meza. Muri ubwo buyobozi basigura ko ivyo bibanza biterekwamwo ayo ma meza vyagenewe inzira zicamwo abaguzi.

Inyuma y’ihagarikwa ry’akazi, ubuyobozi bw’isoko "Kwa Siyoni" bwagiranye inama n’abo badandaza, bakaba bumvikanye ko busubira gukora nk’uko vyahora, mu kurindira iyindi nama izoba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017, muri iyo nama akaba ariho hazofatirwa inyishu ntabanduka kuri ico kibazo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.