Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea y’epfo : Uwahoze ari umukuru w’igihugu yaraye mw’ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea y’epfo : Uwahoze ari umukuru w’igihugu yaraye mw’ibohero

Korea y’epfo : Uwahoze ari umukuru w’igihugu yaraye mw’ibohero

vendredi 31 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru yo mu gisagara Seoul co muri Koreya y’epfo, yataye muri yompi Park Geun-hye w’imyaka 65 yahoze ari umukuru w’igihugu, imbere y’uko asabwa gutanga imihoho kubera ivyaha yagirizwa vy’ukurya igiturire hamwe n’ubutegetsi bufatiye kuri mwana wa mama.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu aragirizwa kandi amakosa agizwe n’ukuba ataranguye neza imirimo yari ashinzwe, hamwe n’ukumena amabanga y’igihugu.

Sentare yasiguye ko bikwiye ko Park atabwa muri yompi kuko ivyo yagirizwa bifitiwe ivyemezo, kandi ko hari amakenga ko ashobora kuzimanganya ivyo vyemezo.

JPEG - 217.1 ko
Park Geun-hye w’imyaka 65 yahoze ari umukuru w’igihugu

Inyuma y’uko Park atawe muri yompi, abamushigikiye bihereje amabarabara, bafise amabendera y’igihugu, biyamiriza iryo fatwa, bagasaba ko yorekurwa.

Park agiye gupfungwa vy’agateganyo iminsi 20, urubanza rwiwe ruce rutangura kuburanishwa mw’ido n’ido. Mu gihe ivyo yagirizwa vyoba bifise ishingiro, uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 10, aho akaba ari mu gihe yamaze gukurwako ubudahangarwa, bisabwe n’inama nshingamateka.

Park abaye umukuru w’igihugu wa gatatu wa Koreya y’epfo atawe muri yompi kubera ivyaha bitandukanye akurikiranwako.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.