Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberia: Umukuru w’igihugu yahagaritse ingendo zo hanze ku bategetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Liberia: Umukuru w’igihugu yahagaritse ingendo zo hanze ku bategetsi

Liberia: Umukuru w’igihugu yahagaritse ingendo zo hanze ku bategetsi

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’igihugu ca Liberia Ellen Johnson Sirleaf, yatanze itegeko ry’uko ata mukozi wa Reta afata urugendo rwo kuja mu bindi bihugu mu minsi 60, kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohotse kuwa gatandatu igenekerezo rya 4 Ruhuhuma umwaka wa 2017,iryo tegeko riraba abayobozi bo mu bushikiranganji bwose, abo mu mashirahamwe ya Reta hamwe n’abo mu mirwi yahawe amabanga ahambaye,ivyegera hamwe n’abafasha babo.

Muri iryo tangazo, umukuru w’igihugu Ellen Johnson Sirleaf yavuze ariko ko hari abemerewe kuja hanze ariko bazohabwa uruhusha n’umukuru w’igihugu ubwiwe, inyuma y’inama bazoba bagiranye kandi vyibonekeje ko urwo rugendo rukenewe kandi ko rufitiye akamaro kanini igihugu.

Naho iryo tangazo ritavuga igituma iyo ngingo yafashwe, abaserukira ibinyamakuru vyo hanze, bavuga ko amahera y’agaciro ari ikibazo kuko ibiciro vy’ibidandazwa Liberia igurisha hanze vyururutse.

Itangazo rya Reta ya Liberia rivuga ko ibanki nkuru ya Liberia yahawe igikorwa co kuraba igituma amahera y’imitahe aguma agabanuka,igashiraho kandi ingingo zishasha ku binjiza amahera y’agaciro bidakurikije amategeko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.