IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mpimba : Abapfungwa 450 biyamirije ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA (...)

Mpimba : Abapfungwa 450 biyamirije ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA barekuwe

vendredi 16 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo bapfungwa barekuwe mu ngingo y’umukuru w’igihugu y’ugutanga ikigongwe ku banyororo barenga ibihumbi bibiri mu gihugu cose. Egide NIYONGABO, umwe mu banyororo bahagaritswe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashima ico kigongwe yagiriwe, akabwira abasigaye mw’ibohero ko bokwihangana.

"Turashimye kubona ikigongwe gishobora kugirirwa abanyororo barenga ibihumbi bibiri. Hariho benshi batari bwaheze igihano bahawe, ariko bagiriwe ikigongwe. Nkaba mbwiye n’abandi batashoboye gutaha, bizere nabo bazoshikirwa batahe."

JPEG - 48.6 ko
Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA

Egide NIYONGABO yemeza ko yari umupfungwa wa poritike, akavuga kandi icari catumye afatwa : "Nafashwe agirizwa ko ndi mu biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, nkaba nakorera imyiyerekano mu Nyakabiga, hama igiporisi kiramfata"

Umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA yari aho kw’ibohero rikuru rya Mpimba aho abo bapfungwa barekurwa, yabatekereye impanuro.

"Turi mu kiringo c’amatora y’ibwirizwa shingiro. Hari abaza kubategera bababwire ko aho muvuye muhamenyereye. Uwuzosubira mu vyatumye apfungwa amenye ko ubuzima bwiwe buzoherera mw’ibohero."

Umushikiranganji KANYANA asaba abajejwe intwaro ko bokwakira neza abo bahawe ikigongwe.

Mw’ishirahamwe "NTABARIZA" rikurikirana agateka k’abanyoro bavuga ko naho barekuye abo banyororo, impinga ikiri ndende, kubera igitigiri c’abapfungiwe mw’ibohero rikuru Mpimba kikiri hejuru. Jean Marie NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe "NTABARIZA" : "Naho barekuye abashika 740, vyumvikana mu 3800 bari ngaha, hari hagenewe abantu amajana umunani, murumva ko hakiri impinga ndende kugira agateka k’abanyororo kagende neza."

Muri iryo shirahamwe basaba Reta y’uburundi ko yoshira imbere imbere ibikorwa bisubirira ugupfungwa, mu munyororo hakaja abamaze kuciribwa urubanza rw’imyaka itari munsi y’itanu.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.