IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Intwazangabo mu giporisi yahanishijwe umunyororo w’imyaka (...)

Muramvya : Intwazangabo mu giporisi yahanishijwe umunyororo w’imyaka itanu

mardi 31 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Aimable MURENGERANTWARI, intwazangabo mu giporisi c’Uburundi, yahora arongoye ikirindiro c’igiporisi c’i Kiganda i Muramvya yahanishijwe igihano c’umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’ihadabu y’iamafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi. Sentare ijejwe kurwanya abarya ibiturire yamwagirije kuri uwu wa kabiri icaha c’ugukorana n’abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko.

Iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yafashwe kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2016, iriko yakira amafaranga agera ku bihumbi mirongo itanu vy’amarundi, amafaranga y’igiturire yari ihawe n’abakora izo nzoza zitemewe n’amategeko, nk’uko vyashikirijwe mu ntahe yo kuri uwu wa kabiri.

Uwagiriwe n’ico caha, intwazangabo Aimable MURENGERANTWARI yategetswe ko ategerezwa gutanga iryo hadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana mu kiringo kitarenga iminsi umunani.

Mu gihe iyo minsi yohera ataratanga ayo mafaranga, Sentare yamumenyesheje ko azoca yongerwa uwundi munyororo w’amezi atandatu yiyongera ku myaka itanu y’ugupfungwa yaciriwe.


IGIHE

Messages

  • yooo! umviryobara kubona umushingantahenkuwoyubahukakuryigiturire ariko uwowomuramukoreyekoharihabananiranye Bandanyemubakorerako Atamwanan,ikinonokukonibara Jewendabahitwegendaharyamumabishimwipakijemwiyoberanyemurabe Ingenekiribwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.