IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Abavyeyi b’abakobwa banyurujwe na Boko Haram ntibahuriza ku (...)

Nijeriya : Abavyeyi b’abakobwa banyurujwe na Boko Haram ntibahuriza ku gitigiri

vendredi 23 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko atawuramenya neza ko abigeme 50 aribo banyurujwe mu gitero co mu ntaraya Yobe, canke ko boba barenga ijana.

Abavyeyi baguye mu gahundwe bongera barashavura igihe buramatari yababwira ko ata mukobwa n’umwe yatowe.

Imbere yahoo yari yavuze ko bamwe muri abo bakobwa barokowe n’abasirikare.
Umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yarungitse intumwa za Reta muri ako karere.

Ivyabaye bigereranywa n’igihe abakobwa 270 banyuruzwa ahitwa Chibok , abarenga 100 bakaba batarasubira kuboneka gushika ubu.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.