IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya: Umukuru w’urwego rw’igendereza yirukanywe mu mabanga

Nijeriya: Umukuru w’urwego rw’igendereza yirukanywe mu mabanga

Wednesday 8 August 2018, by vianney

Amakuru amenyeshako abajejwe igenedereza mu gihugu bafashijwe n’igiporisi babujijwe abagize inama nshingamateka kwinjira mu gihe c’isaha ku mvo zitaramenyekana.

Umuvugizi w’icegera c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umukuru w’urwego rujejwe iperereza mu gihugu, Lawal Musa Daura yaciye yirukanwa.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’icegera c’umukuru w’igihugu ryavuga riti:“Ico gikorwa giciye kubiri n’amategeko cakozwe ibiro vy’umukuru w’igihugu bitabizi , n’igikorwa co kwiyamiriza kandi ntigishobora kwemerwa.”

Bivugwako iryo tangazo ryagaragaje ko ico gikorwa ari nko guhirika inama nshingamateka biciye kubiri n’amategeko.

Bamwe mu bashigikiye icegera c’umukuru w’inama nshingamateka Bukola Saraki aheruka kuva mu mugambwe uri k’ubutegetsi akaja mu mugambwe utavuga rumwe na Reta bavuze ko ico gikorwa cari kigamije kumuhirika ku giti.

Umugambwe uri k’ubutegetsi aho muri Nijeriya washikirije ko abari inyuma y’ico gikorwa bari kwihisha mu gukwiragiza ibihuha.

Abenshi mu bitandukanije n’umugambwe uri k’ubutegetsi binjiye mu mugambwe utavugarumwe nawo witwa People’s Democratic Party watwaye Nijeriya kuva mumwaka w’i 1999 kugeza mu mwaka wa 2015.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.