Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Abigisha kw’ishuri rya Komine Muhwazi bemeza ko imigenderanire (...)
Ruyigi : Abigisha kw’ishuri rya Komine Muhwazi bemeza ko imigenderanire n’ubuyobozi itifashe neza
jeudi 4 janvier 2018
Mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’indero rishirwako umukono n’abigisha umunani bo kw’ishure ryisumbuye rya Komine Muhwazi kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2017, abo bigisha bamenyesha ko kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, batonze ku mirimo nkuko vyahora ariko bahava batangazwa no kuba baciye bapfungwa bagirizwa gushigikira abanyeshure muri yegereyegere aho basaba ihinyanyurwa ry’urutonde rw’ibibazo vy’igice ca mbere, irihwa ry’abigisha b’abakutsakivi n’ibijanye n’ubutunzi kw’ishuri.
Muri iryo kete , abo bigisha bamenyesha ko batangajwe no kuba bahavuye barekurwa bose, batabariwe igituma bapfunzwe gushika mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ruyigi.
Abo bigisha uko ari umunani bashize umukono kuri iryo kete,bashikiriza amakenga ku mubano utari mwiza hagati y’ubuyobozi bw’ishuri nabo, inyuma y’irekurwa ryabo, naho nyene ibikorwa kw’ishuri bibandanya uko vyamye.
Kubwabo bigisha, umubano mubi hagati y’ubuyobozi bw’ishuri nabo, ushobora guhungabanya ibikorwa vy’ishuri, canke mbere bigashika no kubuzima bwabo, kuko bimaze kuboneka ko baguma barabwa nk’abashaka guhungabanya ubuyobozi.
Abo bigisha basaba ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, kwishikira kw’ishuri ryisumbuye rya komine Muhwazi, kugira burabe uko ibintu vyifashe , imbere y’uko hagira ikindi coba.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Juma Edouard avuga ko iryo kete batarizi, agasaba abo bigisha ko bokwitura ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi, aho iryo shuri rikukira, kuko arico gituma bashizeho urwo rwego rw’ubuyobozi bw’indero mu ntara.
Tubajije umuyobozi w’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi, yatumenyesheje ko ataco yovuga kuri iryo kete, kuko atariwe baryandikiye, wewe yaronse ikopi yaryo, aca asabwa kugira ico abivuzeko n’abamukurira.
Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi hoho ntaco bashima kubivugako, GASHOBOTSE Roger,umuyobozi w’indero mu ntara, amenyesha ko ikibazo c’abigisha n’ubuyobozi bw ‘ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi ataco yobivugako, kuko ico kibazo kimaze gushika mu gisata c’ubutungane.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 janvier 2018, 22:52, par nkurikiye Gérard
nibaze ko vyiza ministère ariyovyotwumvikanisha kuko nabobayobozi bishura uko hari ico bicura