IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Abigisha kw’ishuri rya Komine Muhwazi bemeza ko imigenderanire (...)

Ruyigi : Abigisha kw’ishuri rya Komine Muhwazi bemeza ko imigenderanire n’ubuyobozi itifashe neza

jeudi 4 janvier 2018

Mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’indero rishirwako umukono n’abigisha umunani bo kw’ishure ryisumbuye rya Komine Muhwazi kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2017, abo bigisha bamenyesha ko kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, batonze ku mirimo nkuko vyahora ariko bahava batangazwa no kuba baciye bapfungwa bagirizwa gushigikira abanyeshure muri yegereyegere aho basaba ihinyanyurwa ry’urutonde rw’ibibazo vy’igice ca mbere, irihwa ry’abigisha b’abakutsakivi n’ibijanye n’ubutunzi kw’ishuri.

Muri iryo kete , abo bigisha bamenyesha ko batangajwe no kuba bahavuye barekurwa bose, batabariwe igituma bapfunzwe gushika mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ruyigi.

Abo bigisha uko ari umunani bashize umukono kuri iryo kete,bashikiriza amakenga ku mubano utari mwiza hagati y’ubuyobozi bw’ishuri nabo, inyuma y’irekurwa ryabo, naho nyene ibikorwa kw’ishuri bibandanya uko vyamye.

Kubwabo bigisha, umubano mubi hagati y’ubuyobozi bw’ishuri nabo, ushobora guhungabanya ibikorwa vy’ishuri, canke mbere bigashika no kubuzima bwabo, kuko bimaze kuboneka ko baguma barabwa nk’abashaka guhungabanya ubuyobozi.

Abo bigisha basaba ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, kwishikira kw’ishuri ryisumbuye rya komine Muhwazi, kugira burabe uko ibintu vyifashe , imbere y’uko hagira ikindi coba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Juma Edouard avuga ko iryo kete batarizi, agasaba abo bigisha ko bokwitura ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi, aho iryo shuri rikukira, kuko arico gituma bashizeho urwo rwego rw’ubuyobozi bw’indero mu ntara.

Tubajije umuyobozi w’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi, yatumenyesheje ko ataco yovuga kuri iryo kete, kuko atariwe baryandikiye, wewe yaronse ikopi yaryo, aca asabwa kugira ico abivuzeko n’abamukurira.

Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi hoho ntaco bashima kubivugako, GASHOBOTSE Roger,umuyobozi w’indero mu ntara, amenyesha ko ikibazo c’abigisha n’ubuyobozi bw ‘ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi ataco yobivugako, kuko ico kibazo kimaze gushika mu gisata c’ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.