Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Abagabo babiri bateguye ibitero vy’i Paris bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Abagabo babiri bateguye ibitero vy’i Paris bishwe

Syria : Abagabo babiri bateguye ibitero vy’i Paris bishwe

mercredi 14 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Itangazo ryavuye mu biro bikuru vya gisirikare "Pentagone" ryamenyesheje ko abateguye ibitero vyabereye i Paris bagandaguriwe muri Syria. Iryo tangazo ryavuze ko abo bagabo bishwe bitwa Salah Gourmat na Sammy Djedou, bakaba bahora ari abanywanyi b’umurwi wa "Islamic State".

Uwa gatatu muri uwo murwi afitaniye isano n’igitero kitakunze co mu Bubirigi mu mwaka w’2015, nawe yishwe mu gitero co kw’igenekerezo rya 4 Kigarama, nk’uko ico cegeranyo kivuga. Uko ari batatu bariko barategura ibitero ku bibanza bitandukanye vyo ku mugabane wa Buraya, nk’uko bivugwa n’iryo tangazo.

BBC ivuga ko bose uko ari batatu bari mu murwi urongowe na Boubaker Al-Hakim, yishwe mu kindi gitero c’indege kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo.

Abanywanyi ba Islamic State baremanze ibitero vyo ku murwa mukuru w’Ubufaransa vyo ku wa 13 Munyonyo 2015, vyahitanye inzu y’ibiteramo, ikibuga c’umupira, ibibanza vyo gufunguriramwo n’ubunywero. Abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu nibo bishwe, nayo abarenga 350 barakomereka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.