IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > U Buholande bwararonkeje u Burundi imfashanyo y’imiriyoni 4 ,7 (...)

U Buholande bwararonkeje u Burundi imfashanyo y’imiriyoni 4 ,7 z’amanyaburaya.

samedi 17 Munyonyo 2012

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta no gutunganya imigambi y’iterambere, Tabu Abdallah Manirakiza ari kumwe n’icegera c’uwurongoye ibiro vyo gufashanya vy’igihugu c’Ubuholande mu Burundi, Fritz Meijndert barashize umukono ku masezerano y’imfashanyo ingana n’imiriyoni 4,7 z’amahera y’amanyaburaya, ku wa 6 Munyonyo 2012.

Ayo mafaranga akazofasha mu gisata co gutanga no gukwiragiza umuyagankuba n’amazi.Nk’uko umushikiranganji Tabu Abdallah yabimenyesheje ngo ayo mahera azofasha kunagura ingomero z’umuyagankuba za Rwegura na Nyemanga. Vyongeye ngo ayo mafaranga azofasha mu gisata co gukwiragiza amazi.

Ngo ivyo bikorwa bizotuma izo ngomero zitanga umuyagankuba mwinshi gusumba uko vyahora. Nko kuri Nyemanga umuyagankuba uzokwiyongera ku rugero rwa kirowate 700. Ngo kandi hazogurwa ibikoresho bizofasha kugabanya umuyagankuba utakara mu nzira imbere y’uko ushikira abawukoresha.Kuri iyo mfashanyo nyene, ngo hazoherahezwa ivyigwa ku bijanye no kwubaka ingomero z’umuyagankuba ku nzuzi Jiji na Murembwe zizoshobora guhingura umuyagankuba ungana megawate 50.

Nk’uko bisanzwe bizwi ibikorwa vy’iterambere kenshi na kenshi biragira ingaruka mbi ku bidukikije. Nico gituma hazoba ivyigwa vyerekana ko ibidukikije bizokingirwa igihe izo ngomero zizoba ziriko zirubakwa.Aho Uburundi buherutse gutunganya inama i Génève mu Buswisi hamwe n’ababufasha, ngo amasezerano yateweko umukono yerekana ko ivyo bemeye batanguye kubishira mu ngiro. Iyo mfashanyo ngo ije hageze kubera igisata c’umuyagankuba ari nkoramutima mu bijanye n’iterambere ry’igihugu cacu.

Umushikiranganji akaba yarashimye iyo mfashanyo akaba yanasavye ko Ubuholande bwokwama bushigikira igihugu cacu mu migambi y’iterambere.Tubamenyeshe ko Fritz Meijndert yagiye yemeye ko igihugu ciwe kizotanga amafaranga y’amanyaburaya angana ibihumbi 300 azofasha kugenzura ingene ishirahamwe Regideso ritunganijwe n’ingene rikora. Ivyo bikazotuma iyo mfashanyo ishika ku miliyoni 5 mu mahera y’amanyaburaya.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.