IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’amashure bwasavye intonde z’abazokora ikibazo c’ukuja mu (...)

Ubushikiranganji bw’amashure bwasavye intonde z’abazokora ikibazo c’ukuja mu mashure y’akarorero

mardi 8 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero yo gutegura ikibazo c’abanyeshure baja mu mwaka w’indwi mu mashure y’akarorero, ubushikiranganji bw’indero, amashure ya kaminuza hamwe n’ubushakashatsi busaba abayobozi b’indero mu ntara gutanga amazina y’abanyeshure babaye aba mbere n’aba kabiri mu mwaka wa 6.

Nk’uko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’indero, Leopold HAVYARIMANA yasavye ko ayo mazina y’abanyeshure abwirizwa kuba yashitse mu bushikiranganji bw’indero bitarenze kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 9 Myandagaro 2017.

Muri iryo tangazo bamenyesha ko ahari abanyeshure banganije mu kibanza ca mbere canke mu kibanza ca kabiri mu manota yo mw’ishure, ko bose bategerezwa kuja kuri urwo rutonde.

Leopord HAVYARIMANA amenyesha ko izo ntonde zishobora gutangwa biciye mu mpapuro canke mu buhinga bwa none kuri : [email protected] canke [email protected]

Amashure atandatu y’akarorero yashizweho ni Lycée Musenyi y’i Ngozi, Lycée Kiremba y’i Bururi, Lycée Notre Dame de la Sagesse yo mu ntara ya Gitega, Lycée Rusengo yo mu ntara ya Ruyigi, Lycée Saint Marc yo mu Ngagara hamwe na Lycée Ngagara yo mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.