IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yafashwe

Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yafashwe

Friday 10 August 2018, by vianney

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako Benjamin MANIRAMBONA yafashwe giturumbuka kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika yigize umunyeshure.

Ayo makuru abandanya avuga ko abigisha b’abagenzi buyo muyobozi baguma bagendagenda hafi y’ibirasi abanyeshure bariko bakoreramwo ico kibazo nabo nyene baciye bafatwa.


IGIHE

Forum posts

  • ntivyoroshe ngo yariko akoriki yariko arabereka ikibazo canke yaracanganyikiwe? hehehehe

  • Birateye agahinda,umuyobozi nyene!!! haha abantu nkabo ntaco bamarira igihugu,usanga nabo yivyariye atakindi abigisha atari ubusuma.

  • Reka reka uwo yari muri yindi mission. We wokwemera gute ko hari umutware wo mu bushikiranganji bw’indero yokwinjira aho abanyeshure bariko bakorera ibibazo bagenziwe bo mu bushingiranganji bw’indero ntibabone ko atari umunyeshure, mu gihugu nk’Uburundi kandi i Bujumbura? Mbega mu gushika aho bakorera ibibazo yaje muri za modoka z’ibiyo bitabona? Uburundi bwa Nyaburunga....

  • Ewe Siméon Ndayirukiye, ivyo ni ukubimenyera uko nyene kuko niko gitwawe. Na cane cane wihweje ingingo z’urutavanako zifatwa ku musi ku musi muri ubwo bushikiranganji kandi ataco zungura mu bumenyi. Mbe wosigura gute ingene umuntu asa n’umunyeshure atwara ishure?

  • Mbega Mukuza Mwabo Banyeshure Muri Abo Bacungera Ngaho Ko Bari Abo Ngaho Ibujumbura Ntanumwe Yaramuzi? Iyo Ni Mission Sha.

  • none ikibazo nka exetat cokorwa batatanga karangamuntu kubera iki?mbe ko abanyeshure ba 9e yahisemwo kubicira ubuzima akabafutira amanota ya concours ngo ni impfagusa,bacumuye iki mugereranij nuyo muyobozi? mbe nawe azomuha igihano akuyehe?

  • Mumugirire ikigongwe
    ntazosubire

  • Kandi Aho Wosanga Adahanywe Bitwaje Ngo Babuze Itegeko Yarenze Canke Babeshe Ngo Yarway Mumutwe Kand Ntamurway Wo Mumutw Yoj Gukora Ikibazo?Azohanwe Kuko Vyotuma Tubonak Harabanyeshure Bo Mugisagara Bakorew Ama Exta Bakaja Mumakaminuza Mugihe Abandi Bana Ba Ruguru Babize Icuya Mugabo Bakananirwa.Igihugu Nticopfa Giteye Imbere Hakirih Abantu Bamezuko

  • uwo twarumvise ko yahanywe muga nibindi vyaha biri muri kino gihugu bize birahanwa kuko siwe yakoze icaha wenyene kandi na ministre winyigisho ingingo asigaye afata burimusi zirahahamura abana niyibuke ko arumuvyeyi agende bukebuke bizoshoboka

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.