Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU rusaba ko umugambwe ukurwa mu runani (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU rusaba ko umugambwe ukurwa mu runani (...)

Urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU rusaba ko umugambwe ukurwa mu runani CNARED

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Urwaruka ruharanira intwaro rusangi mu mugambwe SAHWANYA-FRODEBU urongowe na Frederic BAMVUGINYUMVIRA rusaba umukuru w’umugambwe gufata ingingo yo gukura umugambwe SAHWANYA-FRODEBU mu runani CNARED-Giriteka.

Mw’ikete ryanditswe n’abaserukira abandi mw’ihuriro ry’urwaruka ruharanira intwaro rusangi mu magambwe Sahwanya-FRODEBU CJD kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2017,urwo rwaruka rumenyesha ko babisavye kuko mu myaka ibiri iheze urunani CNARED rushinzwe,umugambwe FRODEBU n’indongozi zawo bagumye bafatwa nk’imperekeza.

Muri iryo kete,urwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU ruhurikiye mw’ihuriro CJD rumenyesha ko bamwe mu bagize urunani CNARED-GIRITEKA bagumye berekana akagaye imbere y’umugambwe Sahwanya-FRODEBU hamwe n’indongzi zawo.

Urwo rwaruka rw’umugambwe Sahwanya-FRODEBU urongowe na Frederic BAMVUGINYUMVIRA ,rumenyesha ko rushigikiye umukuru w’umugambwe
mu nzira yose arimwo, haba kwitaba ibiganiro vyose bitunganijwe n’umuhuza Benjamin MKAPA.

Mwomenya ko umugambwe Sahwanya-FRODEBU wamaze kwemeza ko uzokwitaba ibiganiro bitegekanijwe kubera I Arusha muri Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.