Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba JRR bo muri kaminuza bariyamiriza umugambi wo gusambura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aba JRR bo muri kaminuza bariyamiriza umugambi wo gusambura (...)

Aba JRR bo muri kaminuza bariyamiriza umugambi wo gusambura UPRONA

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Urwaruka mparaniramajambere ba Rwagasore biga muri za kaminuza zitandukanye, basohoye urwandiko, aho biyamiriza ingendo yo kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe wabo, ndetse n’ukuwegurirara abantu birukanywe burundu.

Nk’uko umukuru w’urwo rwaruka abivuga, Bernard Hakizimana amenyesha ko bashigikiye ibikorwa vyakozwe n’umushingamateka Karori Nditije na Ngayimpenda Evariste vyo kwiyunga. Asaba Reta kuvavanura n’ingendo yo gusambagura imigambwe, ahubwo Reta igasabwa nyabuna gushigikira imigambwe iriko iriyunga nk’uko biri mu masezerano yateweko umukono mu Kayanza.

Muri iryo tangazo, uyo aserukira JRR muri za kaminuza zitandukanye zo mu Burundi, avuga ko abakomerekeye ku Mugumya canke abakubiswe n’ibindi vyose vyononekaye biri ku gatwe ka Concilia Nibigira, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure na Gaston Sindimwo, na Reta y’Uburundi, yo irekera umugambwe abantu birukanywe burundu na komite nkuru ya UPRONA, bagirizwaguhemuka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murugwo gwaruka mbona abenshi ari abahungu babarya batama,barongoye IPRONA kuva kera.ico nobasaba gusa nibaterere ivyipfuzo ni vyiyunviro gusa,muga ntibishiremwo ingenga bitekerezo vyintambara,kuko iyubuho ntiyokworoha kugwana,nobahanura kandi gushira imbere ivyigwa,aho gushira imbere imigambi y,imigambwe base na basewabo barongoye.kubera imbere niheza cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.