Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba Miss burundi bageze he (miss burundi 2010 :kheila Ndayikeza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Aba Miss burundi bageze he (miss burundi 2010 :kheila Ndayikeza (...)

Aba Miss burundi bageze he (miss burundi 2010 :kheila Ndayikeza )

lundi 26 Myandagaro 2013

Haraheze igihe tubona buri mwaka hategurwa ihiganwa ryo gutora miss burundi ‘’miss burundi ‘’. Iryo higanwa ryatanguye mu mwaka wa 2009. Kenshi rero umuntu aribaza ico abo bagiye baba aba miss burundi bavuyemwo muri kino gihe .Ni mu ntumbero yo kwishura kuri co kibazo, ikinyamakuru ‘’ Igihe ‘’cashimye kurondera aboba baratewe iteka bagatorwa ku ba miss burundi mu gihugu cose.

Umwigeme Kheila Marie Ndayikeza yoba ari nde?

Ihiganwa rigira kabiri rya miss burundi ryatsindiye umwigeme yitwa Kheila Marie Ndayikeza. Uwo mwigeme Kheila Miss Burundi 2010 ubu ari mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika muri Leta yitwa Arizona, aho ariko arakwirikana amashure ya kaminuza ahitwa Paradise Valley community college mu gisagara ca Scottsdale.

Kheila yavukiye muri komine Kinindo mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka wa 1993. Ku myaka 16 yaciye atorwa kuba Miss Burundi. Muri ico gihe yari mu mwaka wa 11 w ‘amashure yisumbuye kw’ishure ry ‘Umumarayika Mikayeri (Saint Michel Archange )

Igihe : Ni igiki mwoba mwarakuye mw’itorwa ryanyu Miss Burundi 2010?

Miss Kheila : ni ikintu ciza canyigishije na cane cane ivy’imibano kandi vyaratumye nongereza gukunda igihugu. Kuba Miss Burundi vyaratumye mba umurundikazi abushitse kandi ndanezererewe kuba umurundikazi. Kandi kuba Miss Burundi vyarampaye akaryo ko kubonana n’abakuru bo muri kino gihugu.

Igihe : Ni ibihe bintu bikuru bikuru mwoba mwararanguye mu mwaka mwamaze mufise urugori rwa Miss Burundi mu mwaka wa 2010?

Miss Kheila :Narahaye abana bo mw’ibarabara impuzu twari twanduje mu gisagara ca Bujumbura. Naratanze kandi imfashanyo inzu yabageze mu zabukuru iri muri Rohero. Ibi nivyo bikuru bikuru vyari muvyo nari niteguye kurangura kandi vyanshimishije cane.

Igihe :Ni igiki mutashimye mu kiringo c’umwaka wose mwamaze muri Miss Burundi ?

Miss Kheila : Sinakunze na gato ukuntu abarundi bari bafise ukuntu bafata umu Miss. Abantu benshi bibaza ko kuba "Miss" bijamwo abakobwa batiyubaha bafise imico mibi, ataco bakora, berura n’ibindi bintu vyose bitari vyiza ku murundikazi.

Igihe: Ni akahe kamo wotera abarundi n’abarundikazi ?

Miss Kheila :Umu Miss Burundi n’umwe mu baserukira igihugu hamwe n’akarere kiwe, abantu ntibari bakwiye gucira imanza aba Miss, ahubwo bari bakwiye kubashigikira mu bikorwa vyabo.’’Imana ihezagire Uburundi n’abarundi .’’


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.