Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababa mu gisagara ca Bujumbura bararuhijwe n’udusozi tw’amayarara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ababa mu gisagara ca Bujumbura bararuhijwe n’udusozi tw’amayarara

Ababa mu gisagara ca Bujumbura bararuhijwe n’udusozi tw’amayarara

vendredi 31 Rusama 2013

Ikibazo cari kimaze iminsi kiri hagati y’amashirahamwe akura iyarara mu gisagara ca Bujumbura n’abarongoye igisagara ca Bujumbura,kiriko kiratorerwa umuti, kandi kiritaweho n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Nk’uko umunyamabanga ntayegayezwa m’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Evariste Nsabiyumva abimenyesha, avuga ko ubushikiranganji bwitwararitse cane ico kibazo ndetse n’imiduga ine yahora ipfungiwe kuri komine Rohero ikaba yararekuwe. Iyo miduga yapfunzwe mu gihe ba nyeneyo bari bamaze ku gabishwa akatari gake ko bashobora kuzokurwa ku ntonde mu gihe batokwubahiriza amategeko, ndetse n’ingingo zafashwe n’abarongoye igisagara, na cane cane guha amakaratiye ishirahamwe ryose rikura iyarara, mu ntumbero yo kudahurira mw’ikaratiye imwe ari amashirahamwe menshi.

Abarongoye ayo mashirahamwe rero bo si uko babibona, basaba ko batokurwa mu makaratiye bari basanzwe bakoreramwo kuko basigura ko basanzwe bafitaniye amasezerano n’abanyene amazu. Uko kutumvikana rero hagati y’abarongoye igisagara ca Bujumbura hamwe n’mashirahamwe akura iyarara, kwatumye imicafu irwira aha na hariya ndetse ugasanga yandagaye aho umuntu aca hose.

Abakozweko cane n’izo ngaruka ni amahoteri n’amazu y’uburiro amwe amwe, iyarara ryarwiriye bakenye aboza kuribakurira, imisozi nayo y’amayarara n’ubu hamwe iracahuzuye, abanyagihugu rero bagahitamwo kuyaturira kugira umunuko ugabanuke, aha tukaba twovuga iyarara riri munsi y’ubunywero buri iruhande y’uruzitiro rwa REGIDESO muri komine Rohero.

Kuva aho abanyagihugu bumviye ko ubushikiranganj bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaviriye hasi ico kibazo, abanyagihugu baranezerewe cane ndetse bakaba basaba ko abarongoye igisagara n’abajejwe gukura iyarara boja hamwe bagatorera inyishu ico kibazo, kandi bakizera ko ivyashitse bitosubira kuko abanyagihugu bafashwe n’indwara z’ibiza nka kolera, kubera kunyinyurana kwabonetse hagati y’abo bose.

Abanyagihugu rero bo mu makaratiye yuzuyemwo udusozi tw’amayarara bakaba n’ubu barindiriye ko iryavuzwe n’umushikiranganji w’ibidukikije ko ibihugu bibiri nk’Ububirigi hamwe n’Ubuhorande vyemeye kuzotanga imfashanyo nayo ikazofasha mu gukura iyarara ryandagaye mu gisagara ca Bujumbura.

Ababa mu gisagara rero twavuganye, bemeza ko baravye ingorane bahitiyemwo muri iyi minsi z’indwara ya kolera, interarano yose bazosabwa kugira bijukire isuku mu gisagara ca Bujumbura bazoyitanga ariko mu gihe iyo nayo yoheza igakoreshwa ico yoba yagenewe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.