Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababanyi ba Justin Bieber baramwidogera cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ababanyi ba Justin Bieber baramwidogera cane

Ababanyi ba Justin Bieber baramwidogera cane

lundi 3 Ruheshi 2013

Ababanyi b’umuririmvyi Justin Bieber bariyamiriza inyifato y’uwo muririmvyi mu kibano.
Abo babana muri karitiye bakeka ko ivyo akora abikora ku gatwe kiwe kandi ko abangamye.

Umubanyi umwe aridogera urwamo ruterwa n’uwo muririmvyi akongera kandi akanegura inyifato yiwe n’ukurenza urugero mu gutwara imodoka muri karitiye ahasanzwe hakinira n’abana benshi.

Kubwa Sun, ,mu kugira bamuhumuze, abo babanyi bamenyesheje abarongozi b’akarere ko boza baramuca ihadabu y’amadorare 1000 buri kwezi gushika ahinduye iyo nyifato itabereye abaririmvyi.

Imisi itari mike iraheze abo babanyi bamuhanura ko yokwisubirako,
Justin yagiye kwisanga adahuza n’abantu bakomakomeye, ko kandi adahinduye inyifato ashobora guharirwa ivomo n’ababanyi biwe bose.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.