IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza birukanwe basaba kuronswa ikindi kibanza bokoreramwo

Abadandaza birukanwe basaba kuronswa ikindi kibanza bokoreramwo

mardi 24 Nyakanga 2013

Kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye, bamwe mubahora bayidandarizamwo baciye bakorera mu micungararo yayo, mu mabarabara. N’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yababwiye ko bazokurwa muri ivyo bibanza babereka ahandi baja gukorera, batangajwe n’inyifato y’igipolisi yo kubashwiragiza, babankira gusubira kudandariza aho bahora bakorera.

Abo badandaza impuzu, ivyamwa, amakaye n’ibindi, kuva ku munsi wa gatandatu barabujijwe n’igipolisi gusubira kugaruka muri ivyo bibanza bahora bakoreramwo. Iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ikaba itanezereje abo badandaza kuko batabona aho bagiye gukorera muri kino gihe.

Ubu uciye mu bibanza bitandukanye vyahora bidandarizwamwo, haragaragara. Ubona umudandaza nk’umwe yikoreye udutomati acungana n’igipolisi ntikimufate. Ahakikije ahahora isoko nkuru ya Bujumbura nta n’umwe yaharangwa. Kw’ibarabara ‘’avenue de la mission" n’uko nyene. ni ko kwuko. Abo badandaza bakaba banegura cane ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuko yabirukanye ataberetse ahandi bokorera. Bamenyesha ko n’amasoko bababwira ko bojamwo ata bibanza bigihari, aho bihari naho bakabaka amafaranga badafise.

Ku munsi w’ejo, bahisemwo kuja kwitura ibiro vy’umuhuza w’abarundi kugira barabe ico yobafasha. Umuhuza w’abarundi yabasavye ko bokwandikira umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, hama bakamuha urwandiko, gutyo ashobore gukurikirana ikibazo cabo.

Abo badandaza basaba Leta ko yobaronderera ikibanza kindi badandarizamwo, bitagenze uko naho, bareke babe barakorera mu bibanza bari basanzwemwo, kuko nabo batabona uko ubuzima bugiye kubandanya. Benshi muribo bamenyesha ko ari abapfakazi, kandi batunze imiryango.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.