Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagendesha imiduga n’amapikipiki bo mu Rwanda ntibavuga rumwe nabo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abagendesha imiduga n’amapikipiki bo mu Rwanda ntibavuga rumwe nabo mu (...)

Abagendesha imiduga n’amapikipiki bo mu Rwanda ntibavuga rumwe nabo mu Burundi

lundi 20 Nzero 2014

Abagendesha amapikipiki n’abatwara imiduga bakorera mu karere ka Rusizi i Bugarama bamenyesha ko babangamiwe bikomeye n’agahombo baterwa n’abagendesha imiduga n’amapikipiki bifise ibimenyetso biranga imiduga n’amapikipiki akorera mu Burundi, bajabuka imbibe z’Urwanda binjije abantu, bagaca babandanya bakorera ku butaka bw’igihugu c’Urwanda.

Amatati n’ukutumvikana hagati y’impande zompi yatanguye kwibonekeza aho abakorera mu Rwanda bamenyesha ko agahombo kabaye kenshi ku buryo batakironka n’amafaranga yo kuriha ikori.
Mu mwaka uheze, ico kibazo cari cibonekeje aho impande zompi zashitse no muvyo kurwana, inzego zibijejwe zica zifata ingingo ko imodoka canke ipikipiki zo mu Burundi zemerewe kuzana abantu zikabageza ahitwa kuri "Arret", ariko zitemerewe gutwara abantu ku butaka bw’Urwanda, canke zibakure mu Rwanda zibajana mu Burundi.

JPEG - 56.3 ko
Imodoka yunguruza abantu ikorera mu Rwanda ariko ifise ibimenyetso nk’ivyizikorera mu Burundi

Abakora uwo mwuga wo kwunguruza abantu bakoresheje imiduga n’amapikipiki mu gihugu c’Urwanda baraganiriye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE aho nyene mu Rwanda, bamenyesha ko ibigaragara ari uko abanyarwanda bafise imodoka zica amafaranga bagiye mu Burundi bakazishirishako ibimenyetso biranga imiduga ikorera mu Burundi, kugira barihe amakori make, baraheza bazigarukana gutwara abantu ku butaka bw’Urwanda.
Ndayiziga Emanuel, arongoye koperative y’abagendesha amapikipiki yitwa "COMOMARU", ikorera i Bugarama, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE yagize ati : "Imodoka z’Abanyawanda baba hafi y’urubibe Uburundi buhana n’Urwanda batinya amakori yo mu Rwanda, bagaca bambika imodoka zabo ibiranga izikorera mu gihugu c’Uburundi ariko zigakorera mu Rwanda. Bituma duhomba cane kuko tubura n’amafaranga yo kuriha ikori, mu gihe izo modoka zitarisabwa."

Ku ruhande rw’abagendesha imiduga b’abarundi bakorera mu gihugu c’Urwanda, bamenyesha ko kwnjiza n’ugusohokana abantu mu gihugu c’Urwanda babirekurirwa n’amategeko, kuko barishe amafaranga abibahera uburenganzira.
Ngendayimana Yakobo, asanzwe ariwe aserukira abagendesha imiduga b’abarundi bakorera mu Rwanda agira ati : "Nanje mfise imodoka itwara abantu, iva mu Burundi iza aha mu Bugarama. N’aho abo bagendesha imiduga n’amapikipiki mu Rwanda bavuga ivyo, twebwe turemerewe gutwara abantu ku butaka bw’Urwanda kuko twamaze kuriha ibisabwa birimwo amafaranga ibihumbi 350 vy’ivyangombwa biduha uburenganzira bwo gukorera mu Rwanda kandi n’imodoka zacu zifise ivyangombwa. Abo bagendesha imiduga n’amapikipiki bo mu Rwanda bagira ishari, kandi nta kintu kinyuranye n’amategeko dukora."

Antoine Mbonyumukiza, umuyobozi ajejwe ubutunzi mu karere ka Rusizi yabwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda ko yari azi ko ico kibazo catorewe inyishu kuko hari ibiganiro vyigeze kuba, bihuza abayobozi ku ruhande rw’Uburundi n’Urwanda, ariko ko bibonetse ko casubiriye kwibonekeza bagiye kugikurikirana.

JPEG - 60.4 ko
Abagendesha amapikipiki mu Rwanda bamenyesha ko batakironka abo bunguruza kubera batwarwa n’imiduga ivuye mu Burundi

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.