Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagore bakuye impuzu bari ku kibuga c’indege baciriwe urubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abagore bakuye impuzu bari ku kibuga c’indege baciriwe urubanza

Abagore bakuye impuzu bari ku kibuga c’indege baciriwe urubanza

mardi 5 Munyonyo 2013

Abagore babiri barengutse imbere y’ubutungane aho bagirizwa gukura impuzu ku kibuga c’indege c’i Manchester mu Bwongereza. Bakaba bakuye agahuzu aho bagire babasake.

JPEG - 63.6 ko
Kelly Hadfield-Hyde na Ann Chadwick imbere y’abacungera umutekano ku kibuga c’indege ca Manchester

Kelly Hadfield-Hyde na Ann Chadwick barengukijwe mu rubanza bagirizwa kuba barambuye ‘indege ca Manchester mu Bwongereza. Abo bagire umwe w’imyaka 50 uwundi 48, biyambuye agahuzu kw’igenekerezo rya 3 Kigarama umwaka uheze. Ku masanamu abagiriza biboneka ko abo bagore bari basomye urukanywa ico gihe bagire bafate indege. Bakaba bazikuye bagiye kubasaka.

Nkuko biboneka kuri ayo masanamu, uwucungera umutekano yabasavye kwiyambura, abo nabo baciye biyambura impuzu zose bari bambaye. Umwe wewe yarayiciye umurya mugukura agahuzu gapfuka amabere imbere y’izindi ngenzi.

JPEG - 45.4 ko
Kelly Hadfield-Hyde na Ann Chadwick

Abaraho barashavujwe n’iyo nyifato y’abo bagore naho abari abacungera umutekano bari bagerageje kubahumuriza. Kelly Hadfield-Hyde na Ann Chadwick naho bemeye ko bari basomye utuyoga imbere y’uko bikura agashambara, mu mburano zabo bisiguye bavuga ko bubashe itegeko ry‘uwucunga umutekano kubera babasavye gukura impuzu. Uwo nawe nawe akaba avyamirira kure, avuga ko yabasavye gukura impuzu z’imbeho gusa n’imisipi nkuko asanzwe abigira kuzindi ngezi.

Bamaze kwagirwa n’icaha, Kelly Hadfield-Hyde na Ann Chadwick baciwe bakatirwa gutanga amahadabu angina hagati y’i 1.000 na 6000 y’amahera akoreshwa i Burayi.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.