Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi b’abarundikazi barugarijwe n’indwara zo mw’ibanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi b’abarundikazi barugarijwe n’indwara zo mw’ibanga

Abakenyezi b’abarundikazi barugarijwe n’indwara zo mw’ibanga

mardi 22 Gitugutu 2013

Impande y’aya ndwara yo mu kigo aho umukenyezi arangwa no kuguma ajojota, umunuko akaba ariwo wakira abamwegereye, hari iyindi ndwara nayo nyene ifata abakenyezi, umukenyezi agakenyererako, iyo nayo si iyindi n’indwara aho ibihimba bimwe bimwe vyo mu gitsina c’umukenyezi, igitereko canke agasaho kabika umwanda muto bisohoka bikaja hanze (prolapsus). Ivyo rero umukenyezi akabigenderako bigatuma ubuzima bw’urugo n’ubutunzi bigenda nabi.

Umukenyezi w’umurundikazi aracugarijwe n’indwara zivuye ku bukene. Mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, hari indwara zikunda kwibonekeza ariko mu bihugu vyateye imbere ziba zararanduranywe n’imizi. Hampande y’indwara yo mu kigo, hari iyindi ndwara nayo nyene yo mw’ibanga ifata abakenyezi, ibihimba vyabo birakoroka. Iyo ndwara ifata cane cane abakenyezi bafise imvyaro nyishi, abaciye kuvyara, kwibaruka, vyabanje kugorana canke abakenyezi bavyaye abana banini banini n’ibindi bituma. Bugingo tuzi ko igihugu cugarijwe n’ubukene, biragora abo bakenyezi ko baza baraja kwisuzumisha kenshi.

Abakenyezi baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, bari bahejeje kubagwa n’abaganga b’abafaransa bakorera ishirahamwe Gynécologies sans frontières bari mu ntara ya Ruyigi ku bitaro REMA, kari akanyamuneza ntangere. Abenshi mu bo twaganiriye bafise imvyaro zirenga 6 na 10. Umwe mu babazwe ati :’’ndahimbawe cane nagendana uruntu amahanga mu maguru, ata muntu numwe abizi kiretse umushingantahe wanje. Nari maranye ubwo bumuga imyaka 8, cakorotse inyuma y’imvyaro igira 6.’’Abo bakenyezi twaganiriye baranegura kubona bashobora kumarana iyo ndwara imyaka myinshi, ariko akaba ata bitaro na bimwe vyari bwashobore kubakira. Babandanya batuyagira bati, iyo ndwara iyo uyirwaye mudafitaniye umubano mwiza n’uwo mwubakanye, ahita aguta mu nzu akaja kuronderera ahandi kuko haba hari amabanga amwe amwe umuntu aba atakirangura.

Abaganga bakorera ishirahamwe GSF ariryo gynécologies sans frontières ryishinze gukurikirana amagara y’abakenyezi, baratera akamo abaganga b’abarundi hamwe n’abanyeshuri biga mu gisata c’ubuganga, ko bokwijukira kwiga kuvura indwara z’abagore. Abo baganga kandi bavuga ko hamwe abaganga bo kwijukira kwiga kuvura izo ndwara, hari ingorane zotuzwa burundu mu gihugu cacu.

Abo baganga babandanya bavuga ko hamwe ama Leta yo mu bihugu biri mu nzira y’amajambere boshira inguvu mu kurwiza amavuriro, umukenyezi agakwirikiranwa kuva agisama gushika yibaruke hari indwara zoba umugani mu gihugu c’Uburundi. Bavuga ko bibababaje kubona mu gihugu c’Uburundi hakiri igitigiri gito c’abaganga b’abakenyezi (gynecologues) 20 gusa.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.