Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bari mu rwego rw’abashingantahe barakenguruka intambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakenyezi bari mu rwego rw’abashingantahe barakenguruka intambwe (...)

Abakenyezi bari mu rwego rw’abashingantahe barakenguruka intambwe bagezeko

lundi 5 Myandagaro 2013

Mu mategeko agenga agateka ka zina muntu, avuga ko abantu bose bangana imbere y’amategeko. Ivyo bisigura ko umugore n’umugabo bangana imbere y’amategeko kandi ubuzi bakora abagabo, bisigura ko n’abagore bobukora atangorane. Ikindi ni ukwo kuvuga umushingantahe atari ukuvuga umugabo gusa kandi si ukuvuga igitsina gabo gusa, ivyo bishingiye ku imico y’abarundi.

Umupfasoni Gatarina Tegera asanzwe ari umushingantahe, yarayaze na bagenzi bacu b’ikinyamakuru Le Renouveau ingene abakenyezi b’abarundikazi bashoboye kwinjira mu rwego rw’abashingantahe. Umupfasoni Tegera avuga ko we mu kuja mu rwego rw’abashingantahe, yabifashijwemwo n’uwo bubakanye kuko yarasanzwe abitahura, ndetse co kimwe n’umuryango wiwe. Mu myaka iheze, umupfasoni ntiyashobora kwicara mu bagabo, ari navyo vyatuma umugore atashobora kuba umushingantahe kuko atakibanza yahabwa kiboneka. Abagore ntajambo bahabwa, arivyo vyanatuma umugore adashobora kwicara munsi y’igiti ngo afashanye n’abashingantahe mu gutorera ingorane zaba ziri mu miryango itandukanye.

Ubu siko bikiri, abakenyezi baricarana n’abashingantahe, bagatorera inyishu ingorane ziba zibahanze imiryango imwe imwe z’ukwutumvikana. Ikindi, ni ukwo abakenyezi bashobora kubaza ikibazo muri izo manza co kimwe n’abagabo. Ivyo rero bikaba vyavanye n’iterambere tugezeko, rishimwa n’abakenyezi baravye intambwe bagezeko muri urwo rwego.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.