Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu bashika 30 bishikiye mu gihugu ca Kenya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Abakuru b’ibihugu bashika 30 bishikiye mu gihugu ca Kenya

Abakuru b’ibihugu bashika 30 bishikiye mu gihugu ca Kenya

jeudi 12 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu gihugu ca Kenya, aho yaroye kwifatikanya n’abanyagihugu bo muri ico gihugu, mu birori vyo kwibuka imyaka 50, ico gihugu kimaze kironse intahe yo kwikukira.

Muri ivyo birori vyitabwe n’abakuru b’ibihugu bagera kuri 30 hamwe n’ama Reta, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza. Igihugu ca Kenya cakwije imyaka 50 cikukiye, inyuma y’aho ibendera ry’ico gihugu ridugiye, maze iry’igihugu c’Ubwongereza naryo riramanuka, aho hari kw’igenekerezo rya 12 Kigarama umwaka w’1963, inyuma y’umwaka umwe gusa, Uburundi nabwo bwikukiye.

Ivyo birori bikaba vyitabwe n’abatari bake, harimwo abanyeshure bo muri za kaminuza, abari mu mashure yisumbuye na matomato, abari mu mashirahamwe, abakozi mu bisata bitandukanye vy’igihugu n’abandi. Tukabamenyesha ko, umukuru w’igihugu wa mbere, kuva ico gihugu ca Kenya cikukiye ari Jomo Kenyatta, se wa Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ahari ubu. Ico gihugu kandi kuva cikukiye, kikaba kimaze kugira abakuru b’ibihugu bane gusa.

Uwatanguye akaba ari Jomo Kenyatta, yatanguye ari umushikiranganji wa mbere mu mwaka w’1963 gushika mu mwaka w’1964, mu nyuma aca atwara ico gihugu kuva mu mwaka w’1964 gushika yitabe Imana mu mwaka w’1978.

Yaciye akurikirwa na Daniel Arap Moi. Uwo mutama n’ubu akiri muzima, afise imyaka 89. Yatwaye kuva mu mwaka w’1978 ashikana mu mwaka w’2002.

Ubwa gatatu naho, hatwaye Mwai Kibaki nawe nyene akiriho. Yatwaye kuva mu mwaka w’2002 ashikana mu mwaka w’2013. Uwo mutama akaba afise imyaka 82 y’amavuko.

Uwa kane, ni Uhuru Kenyatta. Ni umuhungu w’umukuru w’igihugu wa mbere, akaba afise ubu imyaka 51 y’amavuko. Uhuru Kenyatta, yashitse ku butegetsi kuva mu mwaka w’2013, akaba ariko yarabaye n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana ibahezagire, mubere abandi urugero.

  • biratangaje kubona uburundi twaratanze kenya kwikukira ariko tukaba turu inyama .nibazako abarundi twokora kugira twiyunguruze.

  • Hanyuma muzotubwire ingene abo batwaye bashitse ku gihugu n’ico bavuga ku kuntu kenya itwawe ubu.
    Egome twarikukiye mugabo twahavuge dusubira mu kunturo(Colonisation) na bene wacu.Iyo Abongereza babandanya babatwara muba mwarateye imbere kurusha kuko aho bakoronije hose bakaguma babayoboka bagumye bifashe neza.Uburorero ni Canada,Australie,Nouvelle Zélande,.......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.