Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abana bafatwa ku nguvu baracari benshi cane mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abana bafatwa ku nguvu baracari benshi cane mu Burundi

Abana bafatwa ku nguvu baracari benshi cane mu Burundi

mercredi 30 Gitugutu 2013

Mu kigo SERUKA kirwanya amabi akorrerwa abakenyezi bamenyesha ko ibice vyinshi vy’abantu bakira muri ico kigo ari abana batarakwiza imyaka 18. Akenshi usanga abo bana bakorerwa amabi n’abantu basanzwe bamenyerewe mu miryango yabo(ababanyi,abakozi n’abandi bagendera mu miryango yabo). Kuri ivyo abavyeyi bari bakwiye kwigisha abana uko bokwikingira ayo mabi.

Abana bakiri bato bari mu bantu bakunda guhura n’ifatwa ku nguvu. Mu gitigiri c’abitura ikigo SERUKA cishinze kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, 68 kw’ijana n’abana batarakwiza imyaka 18. Ibice 33 kw’ijana n’abari musi y’imyaka 13 mu gihe 18 kw’ijana nabo bafise musi y’imyaka 5. Aho rero hakaba harimwo abahungu n’abakobwa.

Umupfasoni Christa Josiane Karirengera asanzwe ajejwe ibikorwa mu kigo SERUKA amenyesha ko akenshi muri abo bana bafatwa ku nguvu n’abantu basanzwe bamenyerewe n’imiryango yabo bana. Muri abo harimwo abakozi bo mu nzu, abigisha usanga bigisha abana muhira, ababanyi ndetse na bamwe mubo mu muryango w’abo bana. Aha agatanga uburorero nkaba se wabo, bavyara b’abo bana. Muri abo bana 70 kw’ijana bakaba ari abana bo mu gisagara ca Bujumbura.

Muri ico kigo SERUKA, iyo bazanye umwana yafashwe ku nguvu, baramwakira, bakamuvura, bakamurinda indwara zica mu bihimba vy’irondoka, bahejeje bagaca bamuha uwumuremesha y’avyigiye maze akamuasha. Iyo bakeneye ko yitura ubutungane, nahonyene baramufasha kwitura ubutungane. Akenshi abo bana hamwe n’imiryango barangwa n’ubwoba bwinshi aho batinya cane ko ivyo bintu bishobora gusubira kubashikira. Baratakaza ukwizigira cane abantu bose. Ku bana naho, mw’ishure, ntibasubira gukurikira neza.

Nkuko bibandanya bivugwa na Christa Josiane Karirengera, iryo fatwa ku nguvu ribandanya kwibonekeza kubera imico y’Ikirundi ituma abantu badakunda kuvugira hejuru ivyerekeye igitsina. Abana baripfuza kuganira ivyo igitsina bakabura aho babiganirira, ari nayo mpamvu abenshi bavyironderera. Mu mico n’imigenzo y’ikirundi bamye bigisha inkwurikizi aho kwigisha ingene umuntu yokwikingira amabi afatiye ku gitsina. Vyongeye, ukudahana vyoba biri mu bituma ifatwa ku nguvu ribandanya. Mu kirundi bati “kudahana birwiza imisega”.

Kubwa uwo mupfasoni hari hakwiye kubaho ikiganiro hagati y’abavyeyi n’abana bakabwira abana ingene bokwifata mu gihe umubanyi canke uwundi muntu yo bahendahendesha utuntu kugira abafate ku nguvu.


Karire Floxella

Messages

  • jewe mba mu bihugu vyo hanze muri canada ariko jewe ibihugu vya african biracantangaza gose aho gutera imbere bakamenya kazoza kumwana bitera vyonona
    none sha ko uburundi atamategeko ahari abihana ari kwishinga kurya ruswa nuwo bobigirira atagira amafaranga ntaho yorega asanga bamaze kumuguririra kera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.