Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 31 nibo bahasize ubuzima bariko baragenyerwa ku gihimba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abantu 31 nibo bahasize ubuzima bariko baragenyerwa ku gihimba (...)

Abantu 31 nibo bahasize ubuzima bariko baragenyerwa ku gihimba c’irondoka

mercredi 25 Kigarama 2013

Kugenyerwa kw’igitsina gabo ni bimwe bikorwa mu migenzo na cane cane mu bihugu vyo ku mugabane w’Afrika, aho imico n’imigenzo vy’abasokuru bikunda gukurikizwa cane. Kugenywa rero ku gitsina gabo bikaba bifatwa nk’ikimeyetso cerekana ko uwubikoze aba baye umugabo.

Afrika y’Epfo ni kimwe mu bihugu vyo muri Afrika bikora umugenzo wo kugenyera igitsina gabo ku misore yose. Ariko rero, n’ubwo kugenywa bifatwa nk’itegeko ku miryango imwe imwe, hari abaja kubigirisha kubatabizi, bigaca bihitana amagara yabo.

Kuri uyu wa mbere wa 23 Kigarama 2013, abategetsi bo mu gihugu ca Afrika y’Epfo bamenyesheje ko hamaze gupfa imisore igera ku 31, inyuma yo kugenyerwa kw’igitsina cabo. Iyo misore yapfuye, ikaba ariyo kw’ishure ryo kwimenyereza ry’i Makwaneng mu ntara yo mu Buraruko bushira Uburengero, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere w’iyo ntara, Thandi Modise.

Igiporisi kikaba camenysheje ko umusore w’imyaka 16 yapfuye kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 20 Kigarama 2013 inyuma yaho ahejeje kugenyerwa. Bukeye bwaho, uwundi w’imyaka 17 yaciye apfira ku bitaro. Emelda Selhako afise ipete rya coloneri mu giporisi, yamenyesheje ko abandi bari bigiweko mukugenyerwa baciye batwarwa kwa muganga, amatohoza nayo akaba yaciye atangura n’ubwo ata n’umwe arafatwa.

Imisore 29 yo mu ntara ya Cap-Oriental akaba ariyo yapfuye ihejeje kugenyerwa n’abaganga batabinonosoyeko kandi batanabifisemwo ubuhinga. Kuva aho igitigiri c’abitaba Imana kubera kugenyerwa kidugiye, Reta y’igihugu ca Afrika y’Epfo hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu yaciye ahagurukira rimwe mu kurinda ko hatogira uwosubira kwitaba Imana.

Mwomenya ko atari ubwa mbere imigenzo yo kugenyerwa ihitana abantu muri Afrika y’Epfo. Mu kwezi kwa Rusama kw’umwaka w’ 2013, abagera kuri 30 bapfuye mu ntara ya Limpopo na Mpulanga. Kugenyerwa rero, kikaba ari kimwe mu bifasha haba isuku ku gitsina gabo, ndetse mu bushakashatsi bwakozwe n’abahinga, bikavugwa ko uwagenyerewe aba afise yo kutandura umugera wa SIDA.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ico gihugu ca Africa yepfo kirimwo ibintu bigoye mugukurikiza imigenzo. Abagenyerwa n’imiryango yabo bemeza ko umwana w’umuhungu ari itegeko kugenyerwa, kuko gishenzi, n’ukuvuga ata Muti Muganga ateye. Nasanze Abantu baho, Abagabo canke Abagore babibona uko kandi bemeza ko bitegerezwa kuba. Rero biragoye kuko usanga abantu baho bari mu vya kera kandi bavyemera kubi.

  • Leta ya africa yefo irakwiy gufata ingingo . Abagenyera iyo misor bakaba ababifitiy ubumeny.

  • j ico niyumvira nuko boza baja kubantu bavyigiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.