Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 55 nibo bamaze guhitanwa n’umwuzurira mu gihugu ca Mexique - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu 55 nibo bamaze guhitanwa n’umwuzurira mu gihugu ca Mexique

Abantu 55 nibo bamaze guhitanwa n’umwuzurira mu gihugu ca Mexique

mercredi 18 Nyakanga 2013

Umuyaga w’igihuhusi uteye ubwoba hamwe n’imvura y’isegenya vyarateye muri iyi minsi iheze mu gihugu ca Mexique, aho wahitanye abantu bagera kuri 55. Izindi ngenzi zigera ku 40000 zarugarijwe i Acapulco zibura ingene zibandanya ingendo zazo.

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe bariko bitegurira guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira. Ico gihuhusi, kimwe citwa Ingrid, ikindi Manuel vyatwaye ubuzima bw’abantu batari bake, baharurwa muri 55. Abantu barenga umuriyoni bakaba aribo bakozweko cane niryo sanganya.

Ikibuga c’indege cararengewe, amabarabara aca arazibirwa. Aho rero bikaba vyatumye ikibuga c’indege cari catenyenye gukora ku buryo, n’ingenzi zari aho vyabaye ngombwa ko zigaburirwa n’ico kibuga c’indege nyene.
Mu duce tumwe tumwe, icika ry’amatara ryatumye ingenzi zidashobora gutora amafaranga yazo muma banki kandi amazu y’uburiro atemera kubakira badafise amafaranga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.