Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu barenga 20 nibo bahitanywe n’umwihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu barenga 20 nibo bahitanywe n’umwihevyi

Abantu barenga 20 nibo bahitanywe n’umwihevyi

mardi 19 Munyonyo 2013

Abantu batari munsi ya 20 harimwo Sheikh Ibrahim Ansari, umwe mu bakozi bakomeye b’ubuserukizi bwa Irani i Beyrouth, bitavye Imana bahitanywe n’ibisasu bibiri ku biro vy’uwuserukira Irani i Beyrouth, mu gihe abandi bagera kw’150 bakomeretse ubu bariko baravurirwa mu bitaro i Beyrouth.

Amasanamu ariko aca ku mbonesha kure zo muri ico gihugu, akaba yerekana abantu bariko barajanwa kwa muganga kandi bababaye cane, imiduga nayo n’ibindi vyinshi bikaba vyononekaye cane. Iryo bara rikaba ryagirizwa umuhari w’i Lebanon ukorana n’intagondwa za al Qaeda, ndetse ivyo bikaba vyemezwa na Abdullah Azzam Brigades avuga ko ariwe yagize ivyo bitero vy’ubwihevyi.

Irani isanzwe ishigikiye Leta ya Siriya, ivyo bitero navyo, bikaba bihuriranye n’imirwano yasubiye kuba ku rubibe rwa Siriya na Lebanon. Inyubakwa zitandatu za Irani zikaba zononekaye cane zihitanywe n’ivyo bisasu. Gushika ubu, igihugu c’Ubufaransa kikaba arico kimaze gutera ivyatsi iryo bara, kikamenyesha ko ibikorwa vy’iterabwoba kitazokwigera kivyihanganira na rimwe. Ubufaransa bukavuga ko bwifatanije n’ababuze bose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.