Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyafrika y’epfo nabo basezeye umuhisi Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyafrika y’epfo nabo basezeye umuhisi Nelson Mandela

Abanyafrika y’epfo nabo basezeye umuhisi Nelson Mandela

mercredi 11 Kigarama 2013

Abanyafrika y’epfo kuri uwu wa gatatu niho baza gusezera irya nyuma, umuhisi Nelson Mandela, mu kwunamira ikiziga ciwe bazoba bashikanye i Pretoria, imbere y’uko bamuhamba ku munsi w’imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2013.

Inyuma y’ibirori bihambaye vyo gusezera Nelson Mandela vyabaye ku munsi w’ejo kuwa kabiri i Soweto, aho hari abakuru b’ibihugu bagera kw’ijana, umuryango wa Nelson Mandela, hamwe n’abandi banyacubahiro batari bake bari bateye iteka ivyo birori, kuri uwu wa gatatu gushika kuwa gatanu, umunyagihugu w’umunyafrika y’epfo azoshobora gushika kumwunamira irya nyuma.
Ikiziga ca Mandela bazokivana mu bitaro vy’abasoda bakijane ku kirimba c’ibiro vy’umukuru w’igihugu, bari mu rugendo bimwe bita cortège. Aho rero ibintu uko biza kugenda bikaba vyateguwe kugira umuryango, abategetsi batandukanye muvya poritike bakiri muri Afrika y’epfo, hamwe n’abandi baronke nabo akaryo ko gusezera umuhisi Nelson Mandela.

JPEG - 40.4 ko
Ikiziga ca Nelson Mandela

Abasanzwe bari bamwegereye baza kuja kumusezera guhera isaha zine gushika isaha zitandatu abandi nabo barinda gufata ama bisi bava i Pretoria baja kumusezera guhera igihe c’isaha zitandatu kugeza isaha cumi n’imwe y’umugoroba. Ikiziga ciwe kikaba kizogumizwa ahabona no ku munsi wa kane hamwe no ku munsi wa gatanu. Ariko rero, abategetsi bo muri Afrika y’epfo ntaco bigeze bavuga ko Ikiziga ciwe kizoba kiri ahabona canke ko isandugu izoba yugaye.
Muri Cap Town, abarongoye igisagara bateguye kumusezera ku muhingamo ku kibuga c’inkino c’ico gisagara, mu giteramo na Johhny Clegg, na Des ladysmith black Mambazo, n’abandi.

Ariko rero ibirori vyabereye i Soweto ntivyagenze nk’uko abenshi bari bavyiteze.
Impamvu rero yatumye bitaba ivy’igitangaza n’uko imvura yaguye urudaca umunsi wose, ikindi naco n’uko abamenyeshamakuru batari bake boba baragize ingorane zo kuja muri ivyo birori.

Umukuru w’igihugu Barack Obama mw’ijambo ryiwe ryo gushimira Nelson Mandela ku vyiza yakoze, ntiyariye umunwa mu kunegura uburyarya bwa bamwe bamwe mu ndongozi mu majambo bashikirije kuva bumvise urupfu rwa Mandela.
Yagize ati : "Ngaha hari abarongozi b’ibihugu vyinshi bigira ko bashigikiye urugamba rwa Nelson Mandela ariko batihanganira na gato ivyiyumviro vy’abo batavuga rumwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.