Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu barashima ingingo yo guhagarika urudandazwa rw’inzoga zo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu barashima ingingo yo guhagarika urudandazwa rw’inzoga zo mu (...)

Abanyagihugu barashima ingingo yo guhagarika urudandazwa rw’inzoga zo mu mashashe

dimanche 7 Mukakaro 2013

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura barashima ingingo y’inama nkuru y’umutekano isaba Leta guhagarika amashirahamwe ahingura inzoga zimwe zikaze cane zitekerwa mu mashashe. Bamenyesha ko ari ngingo ngirakamaro ije hageze kuko zari zibangamiye abanyagihugu cane cane urwaruka, ariko bagasaba ko hofatwa ingingo mperekeza zifasha ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo.

Abo twashoboye kuganira bo muma komine yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nka Cibitoke na Kinama bamenyesha ko urwaruka arirwo cane cane rwari rugeramiwe kuko uravye igiciro cazo gisanzwe ari gito (kuva ku majana atatu na mirongo itanu gushika ku majana atanu y’amarundi ku gashashe kamwe), urwaruka n’abanyagihugu bafise amikoro make baca bazikorako bakibagira ingaruka zizanira amagara yabo mu gihe mwene izo nzoga ziba zikaze cane. Aho ntibibagiye kuvuga na zimwe bita “kanyanga”, “umunanasi” n’izindi.

Basaba rero ko hoshirwaho amategeko atomoye avuga ibihano bizohanishwa umudandaza azofatwa ariko arazidandaza canke umunyagihugu yofatwa ariko arazinwa. Abo banyagihugu twaganiriye bakaba bamenyesheje ko bizogorana cane mu gihe nk’umupolisi yofata uwuriko arayinwa kuko atazoronka icaha amwagiriza, bagasaba rero abajejwe gutora amategeko kwicarira ico kibazo.

Ku bafise ikibazo c’uko umwumwa uzotera abatagira amafaranga yo kugura inzoga za Brarudi zisanzwe zizimvye ugereranije n’amikoro y’abanyagihugu bato bato, Philbert Ndayizeye, umwe mubikorera imizigo amenyesha ati : “Izo nzoga zo mu mashashe ni ubumara ku magara y’abantu. Ubu tuzokwinywera urwarwa, ariko kandi twimenyereze kwigerera ku neza y’amagara yacu n’iterambere ry’imiryango yacu.”


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.