Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu basabwa kwijukira gukoresha udukarata two kwivurizako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu basabwa kwijukira gukoresha udukarata two kwivurizako

Abanyagihugu basabwa kwijukira gukoresha udukarata two kwivurizako

mardi 17 Nyakanga 2013

Ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta OAG : (Observatoire de l’Action Gouvernementale) ryaratanguje ku munsi w’ejo indwi yahariwe guhimiriza abanyagihugu kwijukira gukoresha udukarata two kwivurizako : CAM (Carte d’Assistance Médicale).

Udukarata two kwivurizako duha uburenganzira abanyagihugu kuvurwa bakoresheje ibice mirongo ibiri kw’ijana gusa, ibice mirongo umunani kw’ijana bisigaye navyo bikarihwa na Leta. Mu gihe vyobonetse ko abanyagihugu benshi bataratahura akamaro k’utwo dukarata, aho gushika mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2013 abagera ku bice 33 kw’ijana gusa aribo bari bamaze kutugura, ishirahamwe OAG ryashimye gutanguza indwi yo guhimiriza abanyagihugu gutahura akamaro ko gukoresha agakarata CAM (Carte d’Assistance Médicale).

Kubwa Godefroid Manirambona, arongoye ishirahamwe OAG, rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta, uruhara ry’amavuriro mu guhimiriza abanyagihugu ni ntangere. André Nyereka wo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida nawe nyene yaragarutse ku kamaro ko gukoresha utwo dukarata, cane cane ku banyagihugu bafise amikoro make. "Umuryango ufise ako gakarata uba worohewe kuko uba ushobora kwivuza, n’abana bawo, ku bice 20 kw’ijana gusa, ibisigaye navyo bikarihwa na Leta."

Nk’uko vyabandanije bimenyeshwa na André Nyereka wo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, n’aho vyoshika umurwayi agasanga ibitaro yituye ntibifise imiti akeneye, ashobora guca arungikwa ku bindi navyo nyene vya Leta, kandi akariha vya bice 20 kw’ijana nyene.

Utwo dukarata two kwivurizako tugurishwa ku mavuriro n’ibitaro vyose vya Leta, tukagurwa amafaranga ibihumbi bitatu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.