Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero

Abanyasomaliya baba muri Afrika y’epfo barakorewe ibitero

lundi 3 Ruheshi 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Somaliya Abdi Farah Shirdon, yandikiye umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma, amusaba guhagarika ibikorwa vyo kwigenza ku banyasomaliya bakora ubudandaji mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Inyuma y’urwo rwandiko rwandikiwe Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Abdi Farah Shirdon yarungikiye kandi ubutumwa bw’akababaro imiryango y’abanyasomalia biciwe canke bagakomerekera mu bitero biherutse kubera mu bisagara vya Pretoria na Port Elizabeth, aho yabamenyesheje ko ahojeje imiryango yabuze, bose hamwe n’abakomerekejwe akabasaba kwihangana.

Tworangiza tubamenyesha ko mu myaka iheze, igihugu ca Afrika y’epfo caranzwemwo ibitero vyakorerwa abanyamahanga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.