Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanye Congo bahungiye ingwano muri Uganda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanye Congo bahungiye ingwano muri Uganda

Abanye Congo bahungiye ingwano muri Uganda

dimanche 14 Mukakaro 2013

Ishami ry’umuryango mpuzamakungu rijewe impunzi, HCR, rivuga ko abantu barenga ibihumbi 30 bamaze guhungira muri Uganda bahunga ingwano ziriko zibera mu gihugu ca Congo.

Izo ngwano zadutse mu karere ka Kamango kari ku rubibe hagati ya Uganda na Congo, hagati y’abasirikare ba Leta ya Congo n’abarwanyi b’umuhari ADL Nalu urwanya Leta ya Uganda, ufise icicaro mu buseruko bwa Congo.

Amakuru ava ku rubibe amenyesha ko impunzi nyinshi ata vyo gufungura zifise canke aho kuryama, ivyo bikaba biri uko mu gihe amashirahamwe y’abagira neza ataratangura gutanga imfashanyo.

Ariko rero, gushika ubu, abasirikare ba Leta ya Congo baramaze kugarukana akarere ka Kamango.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.